Africa -Covid: Covax ntizotanga incanco zose yemeye

Intekera y'incanco zitangwa na Covax

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Guha Afrika incanco za Covid ntibirafata umurongo neza

Ibihugu vya Afrika bigiye guronka incanco nke kuruta uko vyari vyitezwe ku zitangwa na Covax, urwego rwashizweho ngo rusabikanye neza incanco kw'isi.

Ishami rya ONU riraba amagara kw'isi OMS ari naryo ryafashije mu gushinga Covax, rivuga ko hazobura incanco miriyoni 100 ku zari zitezwe.

Ihangiro ry'ukwezi kwa 12 ry'incanco miriyoni 520 ntiricubahirijwe.

Urwo rwego rw'isi rwo gusabikanya incanco ruvuga ko amasezerano ibigo bihingura incanco bifitaniye n'ibihugu bitunze hamwe n'uguteba kw'iyemezwa ry'impusha biri mu bituma iryo hangiro ridashikwako.

Mu gihe urugero rw'incanco zishika muri Afrika rwari rutanguye kuduga, itangazo rya Covax n'ikimenyetso ko utwigoro tw'uko haba ubungane mu gushikira incanco bukiri kure cane.

Ibihugu vya Afrika ahanini bihanze amaso Covax, ariko gushika ubu ntiratanga incanco yemeye.

Ku bihugu 54, 12 vyonyene nivyo bizoshika kw'ihangiro ryo gucandaga 10% y'abantu babibamwo gushika mu mpera z'uku kwezi kw'icenda.

Mu gihe bivugwa ko hari ibihugu bitanguye gutanga urucanco rwa gatatu rwo gukabura ubudahangarwa bw'umubiri vyirengagije akamo ko kutabikora imbere y'uko umwaka uhera, ibihugu vya Afrika bitegerezwa kwiyumvira ayandi mayira yo kuronka incanco z'abanyagihugu bavyo.

Gushika ubu abantu 3% bonyene nibo bamaze gukingirwa vyuzuye.