Africa - Covid: AU yatanguye gutanga miriyoni 400 z'incanco

Ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika AU/UA (African Union/Union Africaine) ryatanguye gutanga incanco zingana na miriyoni 400 ku bihugu birigize, nk'uko vyatangajwe n'umukuru wa Afrika y'Epfo, Cyril Ramaphosa.

Ibihugu vyinshi kuri uyu wa kane niho vyari vyiteze kuronswa izo ncanco zizoja zirazanwa buri kwezi.

Ihangiro rya UA n'ugutanga incanco miriyoni 25 buri kwezi gushika mu kwezi kwa mbere.

Ibihugu bigize iryo shirahamwe vyumvikanye mu kwezi kwa gatatu gushira hamwe ububasha bwavyo bwo kugura no kuronderera hamwe aho bigurira.

Vyaciye bihitamwo kugura urucanco rwa Johnson & Johnson, intambwe yanyuma yo guhingura urwo rucanco ikaba ibera muri Africa y'Epfo.

Prezida Cyril Ramaphosa yavuze ati: "Iyi ni intanbwe ikomeye cane mu nguvu Afrika iriko irashira mu kubungabunga amagara no kubaho neza kw'abantu bayo.

"Ibi bizokwongereza ingoga mu kurwanya Covid-19 ku mugabane wa Afrika bibe n'umushinge w'uko Afrika yivyukiranya mu butunzi no mu mibereho."

Urugero rw'abamaze kuronka incanco muri Afrika ruri inyuma cane ugereranije n'iyindi migabane y'isi.

Umukuru wa Afrika y'Epfo n'abandi bategetsi ba Afrika bagirije ibihugu bitunze gusumba kwigungirako incanco.

Izo ncanco miriyoni 400 zitezwe kuzoba zihagije kugira hakingirwe ica gatatu c'abantu baba ku mugabane wa Afrika gutyo Afrika icagatize ihangiro ryo gucandaga nibura 60% vy'abayigize, nk'uko bivugwa na AU.