Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Covid: U Burundi bwemeye kwakira incanco ariko reta ntizosaba abenegihugu kwicandagisha
U Burundi bwemeye kwakira incanco za Covid-19 ariko reta ntizohimiriza abanyagihugu kuja kwicandagisha, nkuko umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu abivuga.
Dr Thaddée Ndikumana yabwiye abamenyeshamakuru ko izo ncanco basabwe ko bozironswa na Banki y'isi, mw'ikete yabarungikiye.
Ati: "Ingingo zafashwe gushika ubu ni uko imiryango yuguruye, badusavye ko tworondera aho tuzozishira."
Yongeraho ko "reta nta ruhara izobishiramwo kugira ngo isabe abenegihugu kuja kwicandagisha", ko uzoshaka ariwe azokwicandagisha.
Reta y'u Burundi yarabangiriye kwemera incanco za Covid ivuga ko izobanza kwihweza ingene zikora ahandi, imbere y'uko yozemera mu gihugu.
U Burundi na Etitrea ni vyo bihugu bibiri vyari bisigaye ku mugabane wa Afrika bitaremera incanco za Covid, Eritrea ubu ni yo yonyene isigaye.
Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, Dr Ndikumana yemeje amakuru ko Covid yiyongereye mu ntara za Kirundo na Ngozi, intara zihana urubibe n'u Rwanda, eka no muri Bujumbura.
Yamenyesheje ko bagomba kwugurura ibigo vyo kuvuriramwo abarwaye Covid muri ubwo burere aho iyi virus yaduze.
Abantu hafi 6,000 nibo bamaze gutorwamo umugera wa Covid kuva iki kiza gishitse mu Burundi mu mpera z'ukwezi kwa gatatu mu 2020.
Kuva ico gihe abashika umunani gusa nibo kimaze guhitana, nkuko biri mu biharuro biheruka gutangazwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu ndwi zibiri ziheze, ibitigiri bamwe bamwe bashidikanya.