Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ethiopia - Inzara: Reta irahakana ko ata nzara igeramiye abantu mu ntara ya Tigray
Abantu barenga 350.000 babayeho mu nzara muri Ethiopia, ku bw'icegeranyo c'abahinga b'umugambi ukorana na ONU.
Reta ya Ethiopia ivuga ko ivyegeranyo bigabisha ko inzara yugarije abantu atari vyo.
Umuvugizi wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire avuga ko reta iha ivyo kurya ababikeneye.
Anavuga ko abarimyi bo muri iyo ntara ya Tigray bariko barahabwa imbuto n'ibitabizo mu kwitegurira igihe c'imvura kizotangura mu ndwi nke zimirije.
Umugambi witwa Integrated Phase Classification (IPC) ukoresha ingero zitanu mu gupima ugutekanirwa mu kuronka ivyo kurya kuva ku 'mutekano muke bisanzwe'' gushika ku rugero rwo hejuru "rw'akaga" bisigura inzara - n'ubwo ku bisanzwe reta arizo zitangaza ko hateye inzara.
Umwihwezo wa IPC wakorewe mu buraruko bw'intara ya Tigray , aho intambara yadutse mu kwezi kwa 11, hamwe no mu ntara vyegeranye za Amhara na Afar hagati y'ukwezi kwa gatanu n'ukwezi kwa gatandatu uyu mwaka.
Icegeranyo cayo kivuga kiti: "Iki nico gitigiri ca mbere kinini c'abantu mu ntera ya gatanu ya IPC kuva habaye inzara yo muri Somalia mu 2011
"Aka kaga kavuye ku rukurikirane rw'ingaruka z'intambara, harimwo kuba abantu barateshejwe izabo, ingingo zigabanya uruja n'uruza, kudashikirwa n'imfashanyo, gutakaza umwimbu n'uburyo bwo kuronka amaramuko, hamwe n'ihungabana ry'amasoko mu gukora nabi canke kuba atayahari."
Kivuga ko kuva mu kwezi kwa gatanu abantu bashika miriyoni 5.5 bari bugarijwe n'urugero runini rw'umutekano muke ufatiye ku bifugurwa. Uko niko berekana izindi ntera :
- Miriyomi 3.1 bari mu kaga (intera ya 3 ya IPC)
- Miriyoni 2.1 bari mu gihe co gukenera ivyihuta (intera ya kane ya IPC )
Ibintu bishobora kuba bibi gusumba mu kwezi kw'icenda, nk'uko icegeranyo kibivuga.
Amashami ya ONU, iriraba uburimyi n'indya kw'isi (FAO), iriraba indya kw'isi PAM hamwe n'iriraba abana Unicef yasavye ko hategerezwa kugira igikozwe vyihuta kugira hirindwe akaga.
Umuyobozi mukuru wa FAO Qu Dongyu avuga ati: "Abantu bo mu bice vy'abirimizi mu buraruko bwa Ethiopia barakozweko na cane cane n'intambara. Imirima myinshi yarasambuwe ivyavyara umwimbu navyo n'imbuto n'ibitungwa biratakara".
Umuyobozi nshingwabikorwa wa PAM David Beasley avuga ko hari ibice vyinshi vy'igihugu abakozi ba ONU badashobora gushikira.
"Twarasavye ko abafasha abari mu kaga bashika aho bikenewe ariko turacatangirwa n'imigwi yitwaje ibigwanisho.Ko abantu muri Tigray bashikirwa n'ivyangombwa n'uko PAM ibashikira ibashiriye imfashanyo, n'ikintu gihambaye kugira ntihabe amahano.
"Gushika aho bikenewe bitegerezwa gushoboka atari mu bisagara bikuru bikuru gusa kugira abantu bari mu kaga bashikirwe aho hose bari, bahabwe imfashano bakeneye bidatevye."
Amerika n'ishirahamwe rya Buraya bashize ijwi hamwe mu gusaba impande zose zirwana kwumvikana guhagarika intambara kugira imfashanyo ishobore gushikira abantu baharurwa muri za miriyoni kugira ntihabe akaga k'inzara.