Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Muri Tigray 'abantu barasambanijwe ku nguvu''-reta ya Ethiopia
Ethiopia yemeje ivyahora bivugwa ko hari abasambanijwe ku nguvu mu ntambara ya Tigray.
Abategetsi ba Ethiopia bemeje ko vyahsitse hakagira abantu basambanywa ku nguvu mu ntambara yabaye mu ntara ya Tigray igihe ingabo za reta mpuzantara zatera umugambwe watwara iyo ntara.
Ivyo bibaye inyuma y'aho ONU ivugiye ko yaronse ivyegeranyo vy'amabi afatiye ku gutsina yakozwe muri iyo ntara, harimwo guhatira abantu gusambanya ku nguvu abantu bo mu miryango yabo.
"Tumaze kuronka ivyegeranyo vy'umugwi twarungitse gukurikirana ivy'iriya ntara ya Tigray, basanze koko hari abasambanijwe ku nguvu, ivyo bikaba arivyo ata gukekeranya'' nk'uko vyemejwe n'umushikiranganji w'abagore Filsan Abdullahi avyanditse kuri twitter.
Uwo mushikiranganji yavuze ko umugwi ubikurikirana ukiriko uregeranya ibiharuro kugira hamenekanye igitigiri c'abashikiwe n'ayo mahano.
Yavuze ko reta iriko 'irongereza ugukingira no kubuza ko haba amabi afatiye ku gitsina mu ntara ya Tigray."
Umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed yagomoye igitero c'indege no hasi itariki zine z'ukwezi kwa 11 kugira atuze umugabwe watwara iyo ntara inyuma yo kwigarurira amakambi yab gisirikare.
Yatangaje intsinzi muri Tigray inyuma y'ukwezi kw'intambara, ariko indongozi za TPLF n'ubwo bararahiye ko bazobandanya kurwana.
Gushika muri Tigray kuracari ikibazo ku miryango ifasha abari mu kaga ishaka gutanga imfashanyo y'ivyo kurya hamwe n'imiti bikenewe cane.
Amashirahamwe atanga imfashsnyo avuga ko abantu bangana na miriyoni 4.5 bakeneye gufashwa , abo bakaba ari 60% y'abanya Tigray bose, ariko reta ya Ethiopia yo ivuga ko abantu miriyoni 2.5 ari bo bonyene bakeneye imfashanyo kandi ikemeza ko bose ishobora kubashikira.
Umukuru w'Umuryango wa Croisx Rouge yo muri Ethiopia uvuga ko 80% y'abanya Tigray n'ubu badashora gushikirwa n'imfashanyo, kandi ko abantu ibihumbi n'ibihumbi bashobora kwicwa n'inzara vuba.