Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda-Covid: Amashure n'iyindi mirimo vyongeye guhagarara
Umukuru w'igihugu ca Uganda yafashe ingingo yo kwugara amashuri ahagarika n'amakoraniro y'abantu benshi mu gihe igihugu gihanganye n'umusumiyanyo wa kabiri w'ikwirakwira ry'indwara ya Covid - 19.
Imodoka zunguruza abantu hagati y'ama district ntizizokora kuva ku wa kane, iyo minsi yo gushika ku wa kane ikaba ariyo kugira abanyeshure bari mu buraro batahe.
Ubunywero, cinema hamwe n'aho barabira ivyese navyo vyugawe.
Amashure n'amakoraniro vyo vyahagaze kuva kuri uyu wa mbere kandi iyo ngingo ikazobandanya mu kiringo c'imisi 42.
Amashure atari make yari amaze iminsi ashikiriza ibitgiiri vy'abandura umugera wa corona mu banyeshure n'abakozi, kimwe mu vyatumye hafatwa iyo ngingo yo kwugara amashure.
Iyo ngingo yatangajwe haheze amasaha make umushikiranganji ajejwe amagara atangaje abantu bashasha 1.259 banduye umugera, igitigiri ca mbere kinini c'abanduye ku munsi umwe - hamwe na 9 bapfuye ku wa mungu.
Ukwiyongera kw'abandura umugera wa corona kwatanguye kuvugwa harehezwe indwi zibiri, abategetsi bakaba bari bamaze iminsi biyunvira guhagarika canke kugabanya uruja n'uruza kugira birinde ko amavuriro ahava arengerwa n'abarwaryi.
Ubwa kabri amashure yugarwa
Ibitaro bikuru vy'igihugu vya Mulago ku ndwi iheze vyatangaje ko abarwayi biyongeye cane, bivuga ko bikeneye kwongereza ibitanda vyo kubaryamikako.
Uganda yugaye amashuri ubwa mbere mu kwezi kwa gatatu mu 2020 mu nyuma igenda irayugurura buke buke kuva mu kwezi kw'icumi. Ariko amashure matomato n'ayisumbiuye ntiyari b wugururwe.
Umukuru w'igihugu mw'ijambo yashikirije igihugu ku wa mungu yavuze ko kuva ubu abigisha bose bategerezwa gucadarwa imbere y'uko basubira ku kazi.
Bari bashizwe mu bohererwako igihe hatangura isekeza ryo gutanga incanco mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka.
Muri ico kiringo nta bantu barenga 20 bemerewe kwitaba ubukwe canke amaziko .
Uretse mu gisagara ca Kampala gusa, ahandi imiduga yunguruza abantu kuva ku wa kane ntizoba ikora kiretse iyitwara ibintu gusa.
Gushika ubu Uganda haharugwa abantu hafi 52.929 vy'abamaze kwandura umugera wa corona na 374 bamaze gupfa.