Uganda- Covid: Batonze imirongo barondera urucanco

Abantu amajana n'amajana batonze imirongo ku biro vy'ubushikiranganji bw'amagara kugira baterwe urucanco rwa Covid - 19 mu gihe Uganda ubu yinjiye mu musuniranyo wa kabiri w'ico kiza.

Ibibanza bitanga urwo rucanco bivugwa ko ata rwari rusigaye isaha indwi z'umururango mu masaha yo muri Uganda.

Abakoresha imbuga hwaniro bamye bahanahana inkuru z'ingene bavuye mu kibanza kimwe baja mu kindi barondera aho boterwa urucanco.

Umuyobozi mukuru um bushikiranganji bujejwe amagara , Henry Mwebesa, yavuze ko vyafashe iminsi itanashika 10 kugira umusumiranyo wa kabiri ushikire urugero rw'ikiza.

Yanavuze ko incanco zari zarungitswe mu gihugu hagati zizovanwayo zigarukanwe ku murwa mukuru Kampala n'uturere tuwegereye aho abazishaka ari benshi cane.

Igihugu catanguye isekeza ryo gutanga incanco mu kwezi kwa gatatu inyuma yo kuronka incanco 840.000 za AstraZeneca mu mugambi wa Covax.

Abakozi b'ubuzi butuma bagira ivyago vyinshi vyo kwandura nk'abakora mu buvuzi, abigisha, abajejwe umutekano n'abantu bose barenza imyaka 70 bari mu bashizwe imbere.

Ariko ivyo vyahavuye bisubirwamwo kugira bashiremwo abafise canke barenza imyaka 50, ariko abantu ntibitabiriye cane kwiteza urucanco.

Gushika ubu abantu barenga gato 550.000 nibo bamaze kurwiteza.

Hagati aho reta ya Uganda iriko iribaza gufata ubugira kabiri ingingo z'ukugabanya canke guhagarika uruja n'uruza kugira ihagarike ikwirakwira ry'uwo mugera.

Abajejwe amagara y'abantu bavuga ko ubwoko bwa corona bwandukira cane, na cane cane ubwo mu Buhindi, Nigeria, Ubwongereza na Afrika y'Epfo, aribwo bwatumye hongerekana ibitigiri vy'abandura muri iyi minsi.

Muganga Diana Atwine wo mu bushikiranganji bw'amagara yavuze ati: "ibice bimwe bimwe vy'igihugu bitegerezwa kuja mu ngingo z'uguhagarika uruja n'uruza kiretse abantu bemeye kwubahiriza ingingo ngenderwako zihasanzwe.

Yavuze ati: "ahandi ho amavuriro yacu azorengerwa hanyuma dusange turi mu bihe nk'ivyo twabonye mu bindi bihugu bimwe bimwe".

Ariko abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko reta nayo yagize uruhara mw'iyongerekana ry'ibitigiri vy'abandura kuko yatezuye ku ngingo zo kwirinda ikwirakwira ry'iyo ndwara inyuma y'amatora yo mu kwezi kwa mbere.

Gushika ubu ibitigiri bizwi icese vy'abamaze kwandura corona muri Uganda ni 44.594, n'abo imaze kwica 361.

Uganda haharuwe abanduye coronavirus barenga 800 mu mashure gusa muri uku kwezi , bituma abanduye mu gihugu cose bashika hafi 1.000 mu gihe mu yandi mezi batarenga mirongo ku munsi.