Uganda: Uwahora adandaza amafi yabaye umushingamateka akiri muto gusumba abandi

Hellen Auma Wandera niwe agiye kuba umushingamateka akiri muto gusumba abandi bose mu nama nshingamateka nshasha ya Uganda.

Uyu mukenyezi w'imyaka 23 yatsindiye intebe y'ubushingamateka mu mugambwe NRM uri ku butegetsi mu karere ka Busia kari mu buseruko bwa Uganda, hari mu matora yo mu kwa mbere.

Ikinyamakuru Daily Monitor kivuga ko imbere y'uko aronka urupapuro rw'umutsindo rwa kaminuza mu 2019, yakora mu ruganda rwa nyina wiwe rucuruza amafi.

Yarakaranga amafi akayumisha cane kugira ngo ashobore kuyagurisha ku banyeshuri bigana muri kaminuza.

Umupfasoni Auma yabwiye ico kinyamakuru ko yinjiye muri politiki "ku bugombe bw'Imana", maze yiyamamaza akoresha tagisi moto, yongera aca ku nzu ku nzu kugira ngo ashobore kuganira n'abatora.

Abanywanyi b'umugambwe wiwe bamwita Mama Busia.

Mu kwezi guheze, umugambwe wiwe, National Resistance Movement (NRM) wasohoye ireresi aho yavugamwo urugendo rwiwe muri poritike:

Abashingamateka bashasha batowe babandanya barahira kuva ku wa mbere, igikorwa kizobandanya gushika mu mpera z'iyi ndwi.

Umushingamateka yari akiri muto gusumba abandi muri Uganda ni Proscovia Alengot Oromait yari yatowe mu 2011 nk'umushingamateka wo mu karere ka Usuk afise imyaka 19.