Burundi-Tanganyika: Ibarabara ryugawe kubera ryatewe n'amazi y'ikiyaga

Ibarabara riva ku kivuko ca Bujumbura rica ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika abategetsi bajejwe amabarabara n'igisagara bafashe ingingo yo kuryugara kuko ryatewe n'amazi y'ico kiyaga carenze kure aho cahora gishika.

Iryo barabara ryugawe ryitwa Avenue de la Plage riva ku kivuko ca Bujumbura rigashika ku bibuga vy'inkino vyitwa Tempete, nk'uko biri mw'itangazo ubuyozi bw'igisagara ca Bujumbura bwasohoye ku rubuga rwaco rwa twitter.

Umuyobozi mukuru ajejwe amabarabara Regis Mpawenayo yavuze ko baryugaye kugirango barinde impanduka abaricamwo, babuze n'imiduga na cane cane iyiremereye kwongereza kubomora iryo barabara rigeramiwe n'amazi.

Avuga ati: "Ubu rero ibarabara ryatanguye kubomagurika kubera ko amazi yarirengeteye.

"...Amazi amaze kurinyegetera imodoka zikaricako rica ribomagurika. Nico gituma turyugaye kugira turikingire mu gihe twogira amahirwe Tanganyika rugasubira inyuma ritarononekara cane".

Uwo mugetegsi avuga ko bagiye kwiha umwanya wo kwihweza inyifato y'ikiyaga Tanganyika kugira bamenye ico bokora.

Regis Mpawenayo avuga ko bazorindira ko imvura icika kugira bamenye uburyo bubereye bw'ingene iryo barabara ryokwubakwa ukundi bamaze kubona neza aho Tanganyika izogarukira mu kuduga.

Kwugara iyo nzira bizotuma uruja n'uruza ruba rwinshi mu gisagara hagati.

Ako gace kugawe niko kacamwo imodoka z'abashaka kutinjira mu gisagara hagati kugira bave canke baje mu bumanuko no mu buraruko bushira uburengero bw'igisagara ca Bujumbura.

Ako gace kariko kandi ibibanza vyinshi vy'uburiro n'ubunywero harimwo n'ikizwi cane muri kahise k'Uburundi, ahiciwe incungu y'intahe y'ukwikukira kw'Uburundi, Umuganwa Ludoviko Rwagasore. Ivyo bibanza bimaze kwugara.

'Taganyika yisubije amatongo yayo'

Amasanamu y'aho amazi yarenze inkombe ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika amaze igihe ahererekanywa ku mbuga hwaniro.

Hari n'itangazo ryo gutwenza- ariko ririmwo ukuri- rigize igihe naryo nyene rihererekanywa kuri bene izo mbuga.

Rivuga ngo: "Ikiyaga Tanganyika giherutse guhunguka none kiramenyesha ko amatongo bakinyaze kitazorinda kuja muri CNTB kizoyigarurira ubwaco".

CNTB (Commission Nationales des Terres et Autres Biens) n'urwego rw'igihugu rwo gutunganiriza cane cane abantu bahunguka bagasanga amatongo yabo yafashwe n'abandi.

'Ahahora plage huzuye amazi'

Kuva mu ntango z'uyu mwaka Tanganyika iguma irenga inkombe zari zisanzwe zimenyerewe.

Omar Manirambona yari ari mu bari baratunganije ibibanza vyo kwakira abantu baje gufata akayaga ngaho ku musenyi wa Tanganyika, ubu vyatewe n'amazi.

Manirambona yari afise ikibanza Safi Beach yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ubu imirimo isa n'iyagahaze.

Yagize ati: "Ntaco tugishobora gukora. Twakira ibiteramo vy'abaririmvi batandukanye, twari dufise aho abana bakinira, aho abageni baza kwifotoreza...rero bisa n'uko ataco dugishobora gukora kuko amazi yararenze cane ku rugero ruruni".

Avuga ko ikibanza ciwe ubu kiri mu mazi gushika ku bice 70%.

Abakozweko ubwa mbere n'ababa mu Gatumba mu burengero bw'igisagara ca Bujumbura. Batewe n'amazi y'uruzi Rusizi kuko atakironka aho yisuka muri Tanganyika narwo rutera ruduga mu nzira ya Rusizi.

Regis Mpawenayo avuga ko bataramenya neza igituma ivyo bishika. "Nta wuzi ko ari ukubera imvura nyinshi iriko iragwa mu karere n'uko ari bimwe vy'uko cigeze kuduga mu myaka ya 60".

Umwigisha wa kaminuza amaze imyaka akurkirana inyifato y'Ikiyaga Tanganyika avuga ko ku bisanzwe uko haheze imyaka 50 urugero rw'amazi y'ikiyaga Tanganyika ruduga. Ubwa nyuma ngo rwaheruka kuduga cane ni mu 1964.

Mu kiganiro na BBC, Bernard Sindayihebura yavuze ko mu bituma Tanganyika yuzura harimwo imvura nyinshi n'ihindagurika ry'ibihe.

Ariko na cane cane asigura ko ingorane ziriko zirashika ku nkengera z'ikiyaga ari uko inyubako zitubahirije umwanya wategeterezwa gusigara hagati y'ahubatswe n'aho ikiyaga gishobora gushika kuko hatama ari hamwe bivanye n'ibihe.