Uganda: Abitoza batatu basavye abatora kuguma ku biro vy’amatora bahejeje gutora

Jenerali Mugisha Muntu, Patrick Amuriat na Robert Kyagulanyi mu kiganiro n'abanyamakuru

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu, Jenerali Mugisha Muntu, Patrick Amuriat na Robert Kyagulanyi mu kiganiro n'abanyamakuru

Cyriaque Muhawenayo/BBC Gahuzamiryango i Kampala

Batatu muri cumi bitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu muri Uganda bahamagarira abayoboke babo kuguma ku biro vy'amatora bahejeje gutora.

Akanama kajejwe gutegura amatora ko kavuga ko umuntu wese ahejeje gutora ategerezwa guca ava ku biro vy'amatora.

Umukuru w'igipolisi ca Uganda aheruka gutangaza ko uwuzohirahira agatera akajagari mu matora "azosigara yicuza icatumye avuka."

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru kuwa kabiri, abitoza Robert Kyagulanyi azwi nka Bobi Wine, Jenerali Mugisha Muntu na Patrick Amuriat Obio basavye abanywanyi babo kutazova ku biro vy'amatora mu gihe agomba guharurwa.

Kizza Besigye wo mu mugambwe FDC userukiwe na Amuriat Oboi nawe nyene muri ico kiganiro yasavye abayoboke babo gucungera amajwi yabo.

Yagize ati: "Tubasavye mwese kurikanura kugira ntihagire uwiba amajwi yacu. Kugira bishoboke, uhejeje gutora, guma aho nyene. Amategeko arakwemerera gutora no guca uhaguma."

Igipolisi ca Uganda camaze kugabisha ko citeguye kwubahiriza umutekano no guhangana n'abazohirahira bagatera akajagari.

Amatora ategekanyijwe ejo kuwa kane aho Perezida Museveni ashaka manda ya gatandatu ahatanye n'abandi bantu icenda barimwe umugore umwe.

Abatavuga rumwe na reta bavuga ko abajejwe umutekano babacura bufuni na buhoro mu gihe badakomakoma ku bo mu mugambwe uri ku butegetsi useruki na prezida Yoweri Museveni.

Mu gihe c'imyiyamamazo habaye imishamirano imwe imwe yiciwemwo abantu bashika mirongo naho abantu babarirwa amajana ubu barafunzwe, biganjemo abo ku ruhande rwa Bobi Wine.