Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rwanda: Igipolisi gitangaza ko wa munyamuziki Kizito Mihigo yapfuye yiyahuye
Igipolisi c'u Rwanda gitangaza ko wa munyamuziki w'umunyarwanda Kizito Mihigo yapfuye yiyahuye mu bucagucagu bw'uno munsi ku wa mbere.
Itangazo risohowe n'umuvugizi w'ico gipolisi rimenyesha ko mu masaha icumi n'imwe y'ubucagucagu "Kizito Mihigo w'imyaka 38 wari ufungiwe kuri Sitasiyo ya Polisi i Remera yasanzwe yiyahuye arapfa".
Uyo muririmvyi yafashwe n'abanyagihugu ku wa kane w'indwi iheze ari kumwe n'abagabo babiri, aho bavugwa ko bariko bagerageza kujabuka umupaka berekeza i Burundi, baca bashikirizwa inzego z'umutekano.
Mw'iryo tangazo, igipolisi kimenyesha ko "Kizito Mihigo yari amaze iminsi itatu muri kasho ya Polisi aho ubugenzacyaha bwamukurikiranaho ibyaha birimo kwambuka umupaka mu buryo bunyuranyije n'amategeko na ruswa".
Rivuga kandi ko ku magerekerezo ya 15 na 16 z'uku, ni ukuvuga hirya y'ejo ku wa gatandatu, n'ejo ku wa Mungu, yari yasuwe n'abo mu muryango wiwe hamwe n'uwumuburanira.
Igipolisi kivuga ko catanguye kugira ngo kimenye icatumye yiyahura.
Mu 2015, Kizito Mihigo yari yakatiwe gufungwa imyaka 10 amaze kwemera no kwagirizwa ivyaha girimwo kugerageza kugirira nabi perezida Paul Kagame no guhamagarira abanyagihugu kugarariza ubutegetsi.
Umuntu yarekuwe ku mbabazi za perezida ntiyemerewe guhosoka igihugu atabiherewe urusha n'urwego rushinzwe ubucamanza.