Malawi: Sentare ijejwe ibwirizwashingiro yabwiye Perezida Mutharika ko amatora ategerezwa gusubirwamwo

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro muri Malawi yanse ivyasabwe n'umukuru w'ico gihugu Peter Mutharika be n'umurwi ujejwe gutegura amatora bayisaba guhagarika ingingo yo mu ndwi iheze ifuta ivyavuye mu matora yo mu mwaka uheze.

Iyo sentare kandi yiyamirije ibivugwa n'umurwi ujejwe gutegura amatora uvuga ko ayandi matora yotwara uburyo bwinshi.

Umucamanza Dingiswayo Madise avuga ko intwaro rusangi isaba uburyo kandi ko uburenganzira bw'abanyagihugu arico kiza imbere ya vyose.

Mu matora yabaye mu kwa gatanu umwaka uheze wa 2019, Perezida Mutharika yatangajwe ko yayatsinze ku bice 38,5% mu gihe umwe mu bo bahiganwa nawe Lazarus Chakwera yatangajwe ko yaronse 35,4%.

Iyo sentare yarahagaritse ayo matora yaha intsinzi Bwana Mutharika ikamenyesha ko yaranswe n'utunenge twinshi.

Yategetse ko hategurwa ayandi matora mu kiringo c'amezi atanu.

Umunyamakuru wa BBC uri muri Malawi avuga ko Bwana Mutharika hamwe n'umurwi ujejwe amatora muri Malawi bategura kwunguruza bakitura Sentare Nkuru y'igihugu kugira ngo ihagarike ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro yo gufuta ivyavuye muri ayo matora.

Abanywanyi b'abanyapolitike batavuga rumwe n'ubutegetsi bobo bishimiye iyo ngingo yafashwe n'iyo sentare igizwe n'abanyamategeko batanu, bakavuga ko ari intsinzi ikomeye y'intwaro rusangi.

Lazarus Chakwera na Saulos Chilima bompi bari bahiganywe na Perezida Mutharika, bari baritwaye muri iyo sentare biyamiriza ivyatangajwe ko vyavuye mu matora, bavuga ko yaranzwe n'amanyanga yateguwe mu ntumbero yo guha intsinzi Bwana Mutharika.