Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Malawi bavuga ko batazokwemera ivyavuye mu matora
Umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Malawi, Lazarus Chakwera , yabwiye BBC ko aciye mu butungane, azobandanya yiyamiriza ivyavuye mu matora aheruka muri ico gihugu.
Yatangaje ivyo mu kiganiro Focus on Africa ca BBC, ikiganiro ca mbere atanze kuva uwo bahiganwa, Peter Mutharika, atangajwe ko ari we yatsinze amatora y'umukuru w'igihugu.
Avuga kandi ko atitavye ibirori vy'ukwimika Bwana Mutharika ejo ku munsi wa kabiri mu gitondo kubera ata butumire yari yaronse.
Bwana Chakwera, umukuru w'umugambwe Malawi Congress Party, ashimangira ko hari urubanza rukiri muri sentare.
Avuga ati: " Mu gihe tutorwanira Abanyamalawi, ntibokwigera bamenya ivyabaye".
Yemeza ko "habaye utunenge dukomeye mu guharura amajwi".
Bwana Chakwera avuga ati: "Muri ayo matora, abayahagarariye bashobora gukoresha Tipp-Ex (irangi rihanagura) ku mpapuro z'ivyavuye mu matora mu gihugu cose …kandi gushika ubu nta nkurikizi".
Bwana Mutharika ariyamiriza abanegura ivyavuye muri ayo matora, akavuga ko n'abarorerezi mvamakungu bemeje ko yagenze neza.