USA: Inyuma y'impari abakenguzamateka bemeranije ko urubanza rwo kubogoza Trump rwogenda

Mu kwezi guheze, Inama nshingamateka ya Amerika yemeje ko Perezida Trump abogozwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Mu kwezi guheze, Inama nshingamateka ya Amerika yemeje ko Perezida Trump abogozwa

Inama nkenguzamateka ya Amerika bumvikanye ku kungene urubanza rwo kubogoza Perezida Donald Trump rugiye kubandanya inyuma y'impari zamaze amasaha 13 baterana amajambo.

Abagiriza Bwana Trump bo ku ruhande rw'aba Democrates bateranye amajambo n'abamuburanira, mu gihe abo mu mugambwe w'aba Republicains biyamirije ivyasabwa ko hotumwako ibindi vyabona.

Urubanza ruza kubandanya uno munsi wa gatatu aho abamwagiriza baza gushikiriza ibirego vyabo, hanyuma abamuburanira nabo bisigure hongere habazwe n'ibibazo.

Bwana Trump abaye umu perezida agize gatatu asabiwe kubogozwa mu mateka ya Amerika.

Yagirizwa gukoresha ububasha ahabwa n'ubutegetsi mu gukora amakosa hamwe no kuburabuza inama nshingamateka yariko imukorako amatohoza. Arahakana ivyo yagirizwa.

None bigeye kugenda gute?

Nk'uko bavyumvikanye mu ntahe y'icese ya mbere yabaye ejo ku wa kabiri, ikaba yagiye kurangira uno munsi ku wa gatatu, buri ruhande ruzoronka amasaha ashika 24 kugira ngo begeranye ibirego.

Ico gikorwa gitegekanijwe gutangura kuri uyu wa gatatu ku muhingamo.

Ivyo biheze, kumbure mu ntango z'indwi iza, abakenguzamateka bazoronswa akaryo ko kubaza ibibazo mu kiringo c'amasaha 16.

Inyuma y'aho bazosubira bihweze ikibazo cerekeye gutumako ibindi vyabona.

Abo mu mugambwe w'aba Democrates bipfuza kwumviriza abahoze ari abahanuzi mu biro kwa perezida bakoranye hafi cane na Bwana Trump.

Aho harimwo umukuru mfatakibanza w'ibiro vya Perezida, Mick Mulvaney, hamwe n'uwahoze ari umuhanuzi muvyo umutekano, John Bolton.

Hagati aho, aba Republicains nka bose ntibipfuza ko abo bantu barengutswa.

Integuro z'aba Democrates zagiye ziburizwamwo

Biciye mu matora aho aba Republicains ari 53 aba Democrates 47, Inama nkenguzamateka yahagaritse integuro zitatu zose z'aba Democrates zari rijanye no kurondera ingene baronka inzandiko hamwe n'ivyemezo vyerekeye urubanza rw'ibogozwa rya Trump.

Abakenguzamateka baburijemwo iciyumviro c'umukuru w'abakenguzamateka b'aba Democrates, Chuck Schumer, co gutumako impapuro ziri mu biro vy'umukuru w'igihugu zerekana ivyo Trump yakoranye n'igihugu ca Ukraine.

Abanyepolitike

Bahagaritse kandi umugambi wo gusaba impapuro z'ivyakozwe mu bunyamabanga bwa leta hamwe no mu biro vy'umukuru w'igihugu bijejwe ikoreshwa ry'amafaranga.

Abakenguzamateka b'aba Republicains kandi basubije inyuma umugambi w'aba Democrates wo kurengukisha Bwana Bolton yamenyesheje ko yari kwitaba akamo mu gihe bomutumako.

Mw'ijambo ryiwe ry'ukwugurura ibikorwa, Adam Schiff, arongoye umurwi w'abashingamateka b'aba Democrates bagiriza Trump, yavuze ko Abanyamerika nka bose "batizeye ko urubanza ruzogenda neza".

Ati: "Ntibizeye ko inama nkenguzamateka itazohengama. Barazi ko ibizova mu rubanza vyamaze gutegurwa".

Umurwi w'abanyamategeko baburanira umukuru w'igihugu wari wasavye ko yambikwa izera bidatevye, bakavuga ko urwo rubanza "ruhonyanga ibwirizwashingiro".

Mu gihe bariko baraterana amajambo, harageze igihe umucamanza Roberts anegura impande zompi azisaba kwibuka ko bariko babwira "urwego rwa mbere kw'isi rufata ingingo".