Ibogozwa rya Donald Trump: Abamuburanira bariyamiriza ivyo yagirizwa

Ahavuye isanamu, AFP
Ababuranira umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump basohoye urwandiko bishura ku birego yagirizwa, aho bavuga ko "bibangamira" intwaro rusangi.
Urwo rwandiko ruvuga ko ingingo zimubogoza ziterekana icaha na kimwe kandi ko ari ukurondera gutoba amatora y'umukuru w'iguhugu yo mu 2020.
Ivyo bivuzwe inyuma y'aho aba Democrates bashikiririje ibirego kugira ngo acirwe urubanza.
Trump niwe mukuru w'igihugu agize gatatu asabiwe kubogozwa mu mateka ya Amerika. Yagirizwa gukoresha ubutegetsi bwiwe uko bidategerejwe hamwe no kuburagiza inama nshingamateka.
Arahakana ivyo yagirizwa, akavuga ko iryo bogozwa ari ugushaka kumuhohotera.
Inama nshingamateka isanzwe irwiriyemwo aba Democrates yaremeje ko abogozwa mu kwezi guheze.
Inama nkenguzamateka irwiriyemwo abo mu mugambwe wa Trump w'aba Republicains niyo itegerezwa kwemeza nimba akwiye gukubitwa intahe mu gahanga akabogozwa burundu.
Mu birego vyabo batanze ku wa gatandatu, abashingamateka b'aba Democrates barerekanye ivyotuma Perezida Trump abogozwa.
Bavuga ko umukuru w'igihugu "yarenze ku ndahiro agahonyanga amategeko kandi ko yahemukiye abanyagihugu.
Bavuga kandi ko inyifato yiwe ari "akaga katari bwabeho" ku babaraze igihugu.
Ni ibiki biri muri urwo rwandiko?
Urwo rwandiko rw'impapuro zitandatu rwerekana ingene abamuburanira bazokwisigura mu ntahe y'icese yimirije.
Abo bamuburanira barongowe n'umuhanuzi muvyo amategeko mu biro vy'umukuru w'igihugu Pat Cipollone, hamwe n'umwunganirizi wa Perezida Trump muvyo amategeko Jay Sekulow.
Bavuga ko bazorwanya iryo bogozwa mu buryo bwose, bakavuga ko umukuru w'igihugu ata caha na kimwe yakoze kandi ko yarenganijwe.
Urwo rwandik ruvuga ko ibirego vyashikirijwe n'abashingamateka b'aba Democrates ari "ibibangamira uburenganzira bw'Abanyamerika bwo kwitorera umukuru w'igihugu".
Ruvuga ruti: "Urwo rubanza ruteye isoni kandi ruciye kubiri n'amategeko, kuko rurondera guhindura ivyavuye mu matora ya 2016 hamwe no kuburabuza amatora ya 2020 mu mezi make ari imbere".
Bwana Trump n'abamuburanira bavuga ko ibirego vyo kumubogoza vyananiwe no kwerekana "icaha na kimwe canke uguhonyanga amategeko" kandi ko vyakozwe "bitisunze amategeko".
Abamuburanira bavuga ko Bwana Trump "ahakana yivuye inyuma kandi atarya umunwa" ivyo yagirizwa vyose.
Ivyo birego vyashikirijwe ejo ku wa gatandatu haciye umunsi umwe Trump ahejeje gushinga umurwi wiwe w'abazomuburanira.
Mu bawugize hakaba harimwo Kenneth Star yari arongoye ibogozwa rya Perezida Bill Clinton mu mpera z'imyaka ya 1990.
Abashingamateka b'aba Democrates bavuga ko Perezida Trump akwiye kubogozwa burundu "kugira ngo ntabandanye abangamira intwaro rusangi n'umutekano w'igihugu".
Bavuga bati: "Urubanza rwa Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika ruroroshe, ivyo yagirizwa biratomoye kandi ivyemezo birakomeye".
"Ikibazo aho gisigaye ni ukumenya nimba inama nkenguzamateka izokora ivyo isabwa n'abateguye ibwirizwashingiro kandi ko bazorikurikiza nk'uko babirahiriye".
Bwana Trump yagirizwa ko yafatiye ku mfashanyo ya gisirikare Amerika yashaka guha Ukraine mu gutegeka ico gihugu ngo gikore amatohoza kuri Joe Biden, ari mu barongoye umugambwe w'aba Démocrates, aboneka ko ashobora guhangana nawe mu matora ya 2020.
Yagirizwa kandi ko yaburabuje Inama nshingamateka mu kubuza ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Amerika gukorana n'abashingamateka muri ayo matohoza yari agamije kumubogoza.










