Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Basaba ko ingingo yo gukata umushahara w'abigisha ibangira
Umurwi w'igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH usaba ko ingingo yo gukata intererano ku mishahara y'abigisha ihagarara kuko yafashwe abo vyega batagishijwe inama.
Urunani rw'amasendika y'abigisha COSSESONA yarafashe ingingo y'uko kuva muri uku kwa mbere 2020 buri mwigisha, yaba uwuri muri sendika canke atarimwo, azokatwa amafaranga 500 mu ntumbero yo gushigikirana hagati y'abigisha.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, Sixte Vigny Nimuraba arongoye CNIDH asaba urwo runani guhagarika igikorwa cose co gukata ayo mafaranga y'intererano.
Avuga ko barindira urutonde rushasha rw'abanywanyi bazoba binjiye mu wo mugambi.
Abarongoye ama sendika SYGEPEBU na SEPEDUC barapfunzwe kuva ku wa 08 z'uku kwezi inyuma y'aho biyamirije iyo ngingo ya COSSESONA bavuga ko abayirongoye bashaka kwiba abigisha izuba riva.
Muri ico kiganiro, Bwana Nimuraba avuga ko umurwi CNIDH ushigikiye umugambi wo gufatana mu nda wiyumviriwe n'urunani COSSESSONA, kuko ujanye n'itegeko ry'umukuru w'igihugu rishirasho umunsi wahariwe ugufatana mu nda.
Hagati aho, avuga ko CNIDH inegura amasezerano yashizweko igikumu mu Kayanza ategekanya gutaka amafaranga ku mishara y'abigisha bose, abari mu ma sendika n'abatari muri yo.
Ati: "Ntiyakurikije amategeko y'igihugu hamwe n'amategeko mpuzamakungu", akavuga ko ari uguhonyanga uburenganzira bwabo.
"Ingingo yafashwe yo gukata umushahara abakozi batagishijwe inama ari uguhohotera uburenganzira bwo ku mutungo wabo".
Emmanuel Mashandari, icegera c'urunani COSSESONA yabwiye BBC ko ingingo yo gukata abigisha bose yafashwe kubera ko nabo nyene iyo hari ivyo basavye bakavyemererwa, nabo nyene babironkako.
Ati: "Twabigize kubera y'uko na twebwe iyo tugiye gusaba ivyo dusaba, bigashika mbere n'umushahara bakawudukata kubera tuba twahagaritse akazi, ivyo tuzanye barabironkako".
"Duca tugira tuti rero ko amasendika arinda arwanira ivyo arwanira hanyuma akazana kandi bakaronkako bose, no kuri iki ciyumviro co gufashanya bategerezwa kuyatanga bose".
CNIDH yo ivuga ko COSSESSONA yategerezwa "kubanza kuja inama n'ingingo n'abigisha ikabasigurira inyungu zo kwinjira muri uwo mugambi imbere y'uko babakata intererano ku mishahara yabo".
Bwana Nimubara ati: "N'aho CNIDH ishigikiye umugambi w'igihugu wo gushigikirana, ugukata imishahara y'abakozi biba inyuma y'uko abantu bagishijwe inama kandi bikagaragarira mu rwandiko ruriko umukono nk'uko bigenda mu ntererano zindi zitangwa mu ma sendika".
"Kireste uburenganzira leta ihabwa n'amategeko agenga igihugu n'ibindi bimwe bimwe bishobora kurekurwa n'ayo mategeko, umushahara nta n'umwe ashobora kuwihagira".
Bwana Mashandari aragiriza Antoine Manuma arongoye SYGEPEBU hamwe na Gérard Niyongabo arongoye SEPEDUC ko bifatiye mu gahanga abarongoye COSSESONA mu kubatuka baciye ku mbuga ngurukanabumenyi.
CNIDH iranegura iyo ngendo, igahamagarira ahubwo abegwa n'ayo matati gushira imbere ibiganiro aho kwama batyozanya.
Isaba ko iyo ngingo yo gukata amahera ku mishahara iba irahagaze kugira abigisha bavyiyumvamwo babanza kuvyiyemeza bo nyene ubwabo, batarinze guterwa ubwoba.
Isaba kandi igipolisi kurekura "abari mu mashirahamwe aharanira inyungu z'abigisha bapfunzwe bariko baharanira amateka yabo kugira ngo hashirwe imbere umwumvikano hagati y'abari mu matati".
Iyo ngingo yo gukata amafaranga yafashwe inyuma y'ayandi mafaranga yakaswe ku mishahara y'abigisha mu 2017 na 2019.
Bwana Nimuraba asaba urunani COSSESONA kwerekana ku mugaragaro ingene ayo mafaranga yakoreshejwe kugira ngo buri mwigisha wese abikeneye abimenye.
Ati: "Ivyo vyotuma haba umuco no mu kwumvisha abigisha ikoreshwa ryiza ry'amafaranga bakaswe".
COSSESONA (Coalition Spéciale des Syndicats des Enseignants pour la Solidarité Nationale) ni urunani rw'amasendika atandukanye y'abigisha rwatangujwe mu 2017.