Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Umunyamakuru Pacal Kararumiye wa Radio Isanganiro wari ufunzwe yarekuwe
Blaise Pacal Kararumiye umunyamakuru wa Radio Isanganiro mu ntara ya Karuzi mu Burundi wari ufunzwe kuva kuwa kane yarekuwe nk'uko ubuyobozi bw'iyi Radio bubitangaza.
Sylvere Ntakarutimana uyobora Radio Isanganiro yabwiye BBC Gahuzamiryango ko Bwana Kararumiye atarekuwe n'urukiko ahubwo yarekuwe n'inteko y'abategetsi.
Ati: "Abategetsi b'intara na ba mustanteri b'amakomine bateranye uyu munsi baramutumiza baramubaza, bamaze kumurekura mukanya gashize".
Umuyobozi w'iyi Radio avuga ko abo bategetsi bamurekuye mu byo bise 'kumugirira imbabazi'.
BBC iracyashakisha kuvugana n'ubuyobozi bw'Intara ya Karuzi ku ifungwa n'ifungurwa ry'uyu munyamakuru.
Bwana Ntakarutimana yari yabwiye BBC ko bakeka ko umunyamakuru wabo yafunzwe kubera inkuru yakoze ku nama Buramatari w'intara ya Karuzi yakoresheje abategeka amakomine ababwira ko bariho bakoresha nabi amafaranga yatanzwe mu makoperative.
Iyi radio yatangaje ko inkuru uyu munyamakuru yakoze yari yujuje ibisabwa n'umwuga w'itangazamakuru.
Mu Burundi abandi banyamakuru bane b'ikinyamakuru kigenga Iwacu bafunzwe mu kwezi kwa 10 umwaka ushize bashinjwa guhungabanya umutekano w'igihugu.
Uruhande rwabo ruhakana ibyaha baregwa, ruvuga ko bafashwe nta kindi bari gukora kidasanzwe uretse akazi kabo ko gutara amakuru.