Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nkundabantu : umuririmvyi Ndoreyicimpa Bernard yari nde?
Ejo ku wa gatandatu niho umuririmvyi Ndoreyicimpa Bernard yaririmbana na mugenziwe Alfred Nyandwi, yitaba Imana i Bujumbura.
Abo baririmvyi babiri bari bagize umurwi abatari bake bari bazi nka "Alfred na Bernard", bakaba bagiye kumenyekana cane ku rukurikirane rwabo rwa mbere rwiswe NKUNDABANTU.
Alfred ati: " Nsigaranye umubabaro udasanzwe kuko yari umugenzi twari tumaranye imyaka n'imyaka, twavuye kure dufatana urugendo rwari rutugejeje aho tugeze, none ansize ndi umwe".
Abo baririmvyi bompi basanzwe bava mu miryango y'abacuraranzi ba kera, banaririmvye indirimbo zamenyekanye cane.
None Bernard ni nde?
Bernard Ndoreyicimpa, mwene Mijuriro Mathias na Ntahonkuriyer Valerie yavutse mu 1986, avukira muri Komine Isare ku mutumba wa Gishingano uhanamiye igisagara ca Bujumbura.
Co kimwe na mugenziwe Alfred, Bernard yavukiye mu muryango w'abacuraranzi bahoze mbere baririmba mu murwi w'igihugu wari uzwi nka NAKARANGA.
Alfred yabwiye BBC ati: "Uretse ko turi abavyara, twempi tuva mu miryango y'abacuraranzi, kuko papa wanje yakorana na se wa Bernard muri Nakaranga, n'aho bamaze gukukuruka".
Se wiwe, Mijuriro Mathias yararirimvye indirimbo abatari bake bibuka nk'izitwa "Abanywa inzoga twaragowe", "Mariya Makurata", "Akarimi", "Musore uri muhira", n'izindi.
Alfred na Bernard: mu mwuga wo kuririmba
Alfred Nyandwi yabwiye BBC ko batanguye kuvuza umuziki bari hamwe mu mwaka wa 1998 mu gihe bari bahungiye mu gisagara kubera intambara z'urutavanako zari iwabo mu Gishingano.
Avuga ko batanguye kuririmbira mw'ibarabara mu ntumbero yo kurondera ingene bobaho inyuma y'aho ibintu vyabo binyagiwe, n'amazu yabo akabomorwa n'intambara.
Ati: "Ariyo mpamvu twaciye dufata umwuga wo kuririmbira mw'ibarabara, tuvugiriza abantu mw'ibarabara kugira ngo baduhe udufaranga, eka mbere twaranavugiriza n'indya kugira ngo dushobore kubaho".
Avuga ko babaye muri ubwo buzima mu kiringo kitari gito, gushika aho buke buke batangura kuza baraja kuvugiriza mu bunywero mu bibanza bikomakomeye vy'i Bujumbura cane cane biri ku nkengera y'ikiyaga Tanganyika, nka za Saga Plage, Petit Bassam n'ahandi.
Ati: "Aho hose twavugiriza mu bubare tuvugiriza ingenzi, abantu bari mu karuhuko bakaduha udufaranga duke duke, maze tugashobora kuronka ico dutanga mu miryango yacu kuko twari tukiri abana".
"Twatanguye turi nk'abantu bita aba 'mendiants', ba ntahonikora".
Alfred avuga ko batanguye kwinjira muri Studio mu 2006, babifashijwemwo na Tanganyika Studio, baca bategura urukurikirane rwabo rwa mbere rwabaye rurangiranwa biciye cane cane mu maradiyo.
Urwo rukurikirane rwiswe NKUNDABANTU rwabatumye bamenyekana cane, runabashikana mu bihugu bitari bike harimwo za DR Congo, Rwanda, Congo Brazzaville, Uganda, Kenya, Cameroun, Benin, Tchad, Chine na Brésil.
Bernard apfuye be na mugenziwe Alfred bariko bategura gusohora urukurikirane rwabo rwa kabiri bari barahejeje gutunganya, bise BIRATANGAJE, bakaba bategura kurusohora muri uno mwaka wa 2020.
Nta wuramenya icamwishe ariko Alfred avuga ko yari amaze ikiringo c'amezi umunani agendana indwara, akaba yapfuye ejo ku wa gatandatu bamutwaye kwa muganga.