Indege yunguruza abantu ya Ukraine yakorotse muri Iran, 176 bari muri yo nta n'umwe yarokotse

Indege y' igihugu ca Ukraine yo mu bwoko bwa Boeing-737 yari itwaye abantu barenga 170 bakomoka mu bihugu indwi yagize isanganya mu gihugu ca Iran.

Ishirahamwe Croissant Rouge ryo muri Irani rivuga ko ata muntu n'umwe bashoboye kuronka yarokotse.

Iyo ndege y'ikompanyi Ukraine International Airlines, yakorotse haciye akanya gato ihagurutse hari kw'isaha cumi na zibiri n'iminota 12 mu gatondo (06h12) ivuye ku kibuga c'indege ca Irani, Imam Khomeini. ija ku mugwa mukuru Kyiv.

Biciye ku rubuga ngurukanabumenyi rw'ubushikiranganji bw'imigenderanire ya Ukraine, ibiro vy'ubuserukizi muri Irani vyari vyatangaje ko iryo sanganya ryavuye ku ngorane z'imoteri.

Hagati aho, mu nyuma iryo tangazo ryakuwe ku rubuga, aho ivyo biro vyavuze ko amakuru ajanye n'icateye iryo sanganya azotegerezwa gutangazwa n'umurwi ujejwe gukora amahotoza.

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Ukraine, Vadym Prystaiko, avuga ko mu bahasize ubuzima harimwo aba Irani 82, abanya Canada 63, abanya Ukraine 11 harimwo abakozi bayo, abanya Suede 10, abanya Afghanistani bane, Abongereza batatu hamwe n'abadagi batatu nyene.

Umukuru w'igihugu ca Ukraine, Volodymyr Zelensky, vyabaye ngombwa ko ahagarika urugendo yarimwo muri Oman asubira i Kyiv.

yatangaje ko bariko bakora utwigoro two kumenya icateye iryo sanganya, hamwe n'igitigiri nyezina c'abahasize ubuzima.

Mw'itangazo yasohoye yahojeje incuti n'abagenzi b'ingenzi zose hamwe n'abadereva b'iyo ndege.

Abajejwe ubutabazi barungitswe aho iryo sanganya ryabereye, ariko uwurongoye ishirahamwe Croissant Rouge yabwiye ikinyamakuru cegukira leta ko "ari ibintu bitashoboka" ko hagira n'umuntu n'umwe arokoka.

Abo bajejwe ubutabazi bashoboye gutora kimwe muri vya bisanduku bibika amakuru yose yerekeye urugendo rw'indege nk'uko vyatangajwe n'ikinyamakuru ca leta muri Iran, IRIB .

Bwana Zelensky amenyesha ko Ukraine yabaye irategekanya indege zindi zija muri Iran gutahana ibisigarira vy'abaguye muri iyo ndeg mu kurindira ko Irani itanga uruhusha.

Umuhinga mu biraba indege, Todd Curtis, yabwiye BBC ko iyo ndege yagize iryo sanganya yari yakozwe mu 2016 kandi ko iyo kimpanyi ya Ukraine yari yayiguze ari nshasha.

Yavuze ati: "Iyo ndege yajanjaguritse cane rwose, vyerekana ko yababaye cane ikorotse, canke hoba hari ikintu cabaye mu kirere".

Bwana Curtis avuga ko abategetsi ba Irani, ba Ukraine, ba Amerika n'abo Ubufaransa, botegerezwa gukorana, ariko bikaba bitaboneka neza ingene bokorana.

Ni mu gihe Irani ubu iri mu bihano yafatiwe na Amerika kandi hari icuka kibi cane hagati y'ivyo bihugu vyompi.