Tanzania 'igabisha ko ishobora guhagarika kugura indege muri Canada'

Indege ya Air Tanzania yafatiwe muri Canada kubera urubanza rwo kuva mu myaka ya 1980

Ahavuye isanamu, TANZANIA PRESIDENCY

Insiguro y'isanamu, Indege ya Air Tanzania yafatiwe muri Canada kubera urubanza rwo kuva mu myaka ya 1980

Umushikiranganji w'imigenderanire wa Tanzania aragabisha ko ico gihugu gishobora guhagarika umugambi w'ukugura indege muri kompanyi Bombardier ya Canada.

Nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru The Citizen co muri Tanzania, iyo ngingo itangajwe inyuma y'aho imwe mu ndege nshasha ya kompanyi y'ico gihugu ifatiwe ku mvo z'ideni ry'imiliyoni 33 z'amadolari ya Amerika ico gihugu gifitiye umurimyi w'umunya Afrika y'Epfo.

Pamagamba Kabudi yasubiwemwo amajambo avuga ati: "Canada itegerezwa kumenya ko iyo kompanyi atariyo yonyene ikora indege kw'isi ".

Iyo ndege yafashwe kubera urubanza rwo kuva mu myaka ya 1980. Hermanus Steyn amaze igihe kirekire asaba indishi y'akababaro inyuma y'aho leta ya Tanzania ifatiye itongo ryiwe, nk'uko bivugwa na The Citizen.

Mu kwezi kw'icenda, sentare ya Afrika y'Epfo yarategetse irekurwa ry'iyindi ndege ya Air Tanzania nayo nyene yari yafashwe kubera iyo mvo.

Bwana Kabudi ati: "Uyo muntu nyene yari yituye sentare yo muri Afrika y'Epfo, anatuma indege ya Airbus ifatwa mu kwezi kw'umunani, niwe yongeye yitura sentare yo muri Canada ".

Avuga ko yarengukishije uwuserukira Canada i Dar es Salaam mu ntumbero y'ukwiyamiriza iryo fatwa ry'iyo ndege.

Air Tanzania iriko iravyura ibikorwa inyuma y'aho ibihagarikiye mu 2011. Iyo kompanyi ya leta isanzwe ikoresha indege umunani, harimwo zibiri zo mu bwoko bwa Boeing 787 Dreamliners na zindi zibiri zo mu bwoko bwa Airbus 220-300.

Iyo ndege yafashwe yari yitezwe gushikirizwa ku munsi wa kane nk'uko bishikirizwa na The Citizen.