Afrika y’Epfo yafashe indege ya Air Tanzania i Johannesburg

Air Tanzania yatanguye ingendo muri Afrika y'Epfo mu kwezi kwa gatandatu uno mwaka wa 2019

Ahavuye isanamu, Ikulu

Insiguro y'isanamu, Air Tanzania yatanguye ingendo muri Afrika y'Epfo mu kwezi kwa gatandatu uno mwaka wa 2019

Leta ya Tanzania imenyesha ko abategetsi b'igihugu ca Afrika y'Epfo bahagaritse indege y'ishirahamwe rijejwe kwunguruza abantu n'indege ry'igihugu ca Tanzania.

Iyo ndege, Airbus 220-300 yategerezwa kuva i Johannesburg muri Afrika y'Epfo ku wa gatanu ija mu gisagara ca Dar es Salaam muri Tanzania.

Ntivyashotse bimenyekana icatumye iyo ndege ihagarikwa, kubera abategetsi ba Afrika y'Epfo ata nsiguro batanze.

Hagati aho, uwuserukira igihugu ca Tanzania muri Afrika y'Epfo avuga ko iyo ndege yahagaritswe kw'itegeko ritanzwe na Sentare nkuru y'igihugu mu gisagara ca Johannesburg.

Abanyagihugu batari bake ba Tanzania babandanya bibaza icatumye Sentare nkuru y'igihugu ca Afrika y'Epfo ihagarika iyo ndege.

Kuri bo, hariho icinyegeje inyuma, bagasaba ko kimenyekana.

Hagati aho, uwahoze ari umurimyi w'ico gihugu avuga ko iyo ndege yahagaritswe kubera leta ya Tanzania itashoboye kumuriha indishi y'imiliyoni 33 z'amadolari nk'indishi y'akababaro yategerezwa kumuriha.

Uwumuburanira, Roger Wakefield, yabwiye BBC ko ayo mafaranga yari yemewe inyuma y'aho leta ya Tanzania ifatiye amatongo yegukira uyo murimyi wo muri Afrika y'Epfo.

Umuvugizi wa leta ya Tanzania yabwiye BBC ko ababuranira leta ya Tanzania bamaze gushika muri Afrika y'Epfo ku mvo z'amatohoza.

Ivyo bibaye haciye hafi amezi abiri Air Tanzania itanguye ingendo muri ico gihugu ca Afrika y'Epfo.

Umukuru w'igihugu ca Tanzania, John Magufuli, yafashe iya mbere mu kugerageza kuvyura iyo kompanyi yegukira leta, mu ntumbero y'uguteza imbere igisata c'ingenzi n'uguhindura ico gihugu kikagira ikibanza gikomeye mu vyerekeye kwunguruza abantu n'indege.

Magufuli

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Amamiliyoni atari make aramaze gukoreshwa n'ubutegetsi bwa John Pombe Magufuli mu ntumbero y'ukuvyura Air Tanzania

Igihe ashika ku butegetsi mu mwaka wa 2015, Air Tanzania yari ifise indege imwe rudende. Kuva ico gihe, amamiliyoni n'amamiliyoni yaratanzwe mu ntumbero y'ukugura izindi ndege, ubu ikaba yarashoboye kugura izindi nshasha umunani.

Sibwo bwa mbere Air Tanzania ifatirwa indege.

Mu mwaka wa 2017, ishirahamwe ry'ubwubatsi ryo muri Canada, Stirling Civil Engineering, ryarafashe indege nshasha, Bombardier Q400, muri ico gihugu mu rubanza rw'imiliyoni 38 z'amadolari y'amanyamerika.

Iyo ndege Q400 yagiye kurekurwa mu kwezi kwa gatatu 2018, inyuma y'aho umushikiranganji wa mbere wa Tanzania n'umushikirizamanza mukuru w'ico gihugu bagiriraniye ibiganiro n'iryo shirahamwe vyatumye irekurwa.

Nta nsiguro zatanzwe ku bijanye n'ivyo bumvikanye kugira iyo ndege irekurwe.