Burundi: Sentare yategetse ko Abamenyeshamakuru wa Iwacu babandanya bapfunzwe

Sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo kubandanya ipfunze abamenyeshamakuru b'ikinyamakuru Iwacu bapfunzwe kuva ku wa 22 z'ukwezi kw'icumi.

Térence Mpozenzi, Agnès Ndirubusa, Egide Harerimana, Christine Kamikazi n'umushoferi wabo Adolphe Masabarakiza, bagirizwa "kugira uruhara mw'ihungabanywa ry'umutekano w'igihugu".

Bahagaritswe igihe bariko bakurikirana igitero c'abitwaje ibirwanisho mu ntara ya Bubanza.

Antoine Kaburahe arongoye ico kinyamakuru avuga ko iyo nkuru ari incamugongo kuko abo bamenyeshamakuru biwe bapfunzwe ataco bazira.

Hagati aho, sentare yafashe ingingo yo kurekura umushoferi Adolphe Masabarakiza.

Yabwiye BBC ko bagiye kubandanya baca mu mizi ico kibazo ubutungane bukerekana ivyo bagirizwa hanyuma nabo bakiregura.

Bwana Kaburahe avuga ko ata bwoba afise kuko kubwiwe ataco bagirizwa, akongera ko n'abariko barababagiriza atakosa bazobatorako.

Ati: "Ikibabaje ni uko bariko bararuhira mu munyororo kandi ataco bazira, bazoruhira kubeza kuko atakabi kabo".

Umushikirizamanza mukuru wa Repubulika y'u Burundi aherutse kuvuga ko abo bamenyeshamakuru badapfunzwe kubera umwuga wabo.

Bwana Kaburahe wewe ashimangira ko bafashwe bari ku gikorwa cabo c'ugutohoza amakuru.

Umunyamabanga ntayegayezwa wo mu bushikiranganji bw'imigenderanire y'u Burundi n'ayandi makungu aherutse kugabisha ibinyamakuru avuga ko bizorondera guhungabanya umutekano w'igihugu.

Yabivuze mu kiganiro ubwo bushikiranganji bwari bwateguye n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi be n'amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu gihugu ejo ku wa kabiri 19 z'uku kwezi kwa 11.

Kubwa Antoine Kaburahe, iryo gabisha ntaco ribabwiye kuko ico kinyamakuru "nta kintu na kimwe cokwagirizwa co guhungabanya umutekano".

Ati: "Twebwe nta bwoba bidutera kuko amakuru yose dutangaza ni amakuru atohojwe kandi tuba dufitiye ivyemezo".

Ikinyamakuru Iwacu catangujwe na Bwana Kaburahe mu kwezi kwa gatanu umwaka wa 2008.

Kiri mu binyamakuru vyigenga biri mu gihugu, amaradiyo amwe amwe yigenga yaraturiwe akugarwa mu gihe c'imyiyerekano yo mu mwaka wa 2015.