Ibanki nkuru y’u Burundi igabisha amashirahamwe acuruza amafaranga atisunze amategeko

Umuntu azokwerekana ishirahamwe rizogura rikagurisha amafaranga y'agaciro hatisunzwe iitegeko rya BRB aho azoronswa ibihumbi 500 vy'amafaranga y'amarundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuntu azokwerekana ishirahamwe rizogura rikagurisha amafaranga y'agaciro hatisunzwe iitegeko rya BRB aho azoronswa ibihumbi 500 vy'amafaranga y'amarundi

Umuyobozi w'igisata kijejwe kugenzura amabanki mw'ibanki nkuru y'igihugu c'u Burundi, Prosper Ngendanganya, asaba amashirahamwe acuruza amafaranga kwubahiriza amategeko yashinzwe n'ibanki nkuru y'igihugu.

Ni inyuma y'umubonano hagati y'iyo banki n'amashirahamwe agura akagurisha amafaranga wabaye ku munsi wa kane w'iyi ndwi mu ntumbero y'ukwibutsa ayo mashirahamwe amategeko mashasha n'igituma adakurikizwa.

Ku wa 17 z'ukwezi kw'icenda uno mwaka, ibanki nkuru y'igihugu, BRB, yasohoye itegeko rishasha rigenga urucuruza rw'amafaranga mu ntumbero y'ukurwanya abikika mu kiza bakagura bakanagurisha ku biciro vy'umurengera amafaranga y'agaciro.

Mw'itangazo yasohoye ejo ku wa gatanu, bwana Ngendakumana yaragabishije ko amashirahamwe n'amazu acuruza amafaranga y'agaciro adakurikije amategeko azofatwa nk'ayahungabanya umutekano w'igihugu.

Avuga ko ishirahamwe rizofatwa ririko riragurisha ibiciro ry'ishakiye ko rizofatwa nk'umwansi w'igihugu kandi ko rizohanwa hisunzwe igatabu mpanavyaha.

Ibanki nkuru y'igihugu imenyesha kandi ko urudandazwa rutemewe n'amategeko (marché noir) rw'amafaranga y'agaciro rwasubiye kwibonekeza cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

BRB ikababazwa n'uko ayo mashirahamwe adashaka gufasha mu kwerekana abo badandaza bo mu kinyegero bakora batubahiriza ibiciro biba vyashinzwe na BRB.

Mu rugamba rwo kurwanya urudandazwa ruteye kubiri n'amategeko, ibanki nkuru y'igihugu yaremereye agashirukabute umuntu azoshobora kwerekana ishirahamwe canke inzu izogura canke izogurisha amafaranga y'agaciro hatisunzwe iryo tegeko rishasha, aho azoronswa ibihumbi 500 vy'amafaranga y'amarundi.

Ni mu gihe uwuzokwerekana umuntu canke ishirahamwe rikora ritazwi n'ibanki nkuru y'igihugu nawe azorosnwa ibice 10 kw'ijana (10%) vy'amafaranga yose azoba afashwe.

Kuva Uburundi bwinjiye mu ngorane za politike mu mwaka wa 2015, ibihugu bimwe bimwe vyahora bifasha u Burundi vyahagaritse imfashanyo vyahora biha ico gihugu, ivyagize ingaruka mbi ku butunzi bwaco, bituma kani amafaranga y'agaciro akena.