Abaguzi b'ibinyobwa vya Brarudi mu Burundi basaba guhumurizwa

Bimwe mu bikorwa bya Brarudi

Ahavuye isanamu, BRARUDI

Insiguro y'isanamu, Naho boba bababwira ko ata ngorane kandi bumva ako kanovera karahindutse, ntibibuza ko bagira amakenga

Nyuma y'aho leta ivugiye ko atacatitutse mu buryo ishirahamwe Brarudi rihingura ibinyobwa vyaryo, ababifata amakenga ntarahera kuko akanovera katakiri kakandi.

Ikigo ca leta y'u Burundi kijejwe kugenzura ubuziranenge bw'ibidandazwa, BBN giheruka kumenyesha ko naho akanovera k'ibinyobwa vya Brarudi koba katakiri nka mbere, ngo ntacatitutse ku buryo bihingurwa.

Ariko abafata ivyo binyobwa ntibashize amakenga, imyidogo ikaba ikiri ya yindi mu gihe bobo bafashe ivyo binyobwa bumva neza ko "bitakiryoshe" nka mbere.

Haca rero haza umwitwarariko wo kumenya niba ivyo binyobwa bisa n'ivyahindutse ata ngaruka vyobagirako naho leta isa n'iyihumuriza.

Umukuru w'ishirahamwe ry'abaguzi mu Burundi, Pierre Nduwayo, yabwiye BBC ko vyumvikanye ko ivyo binyobwa bifise icahindutse.

Yagize ati: "Biboneka mu nzoga, twaratanguye kuvyumva cane cane nko muri za Royale (Amstel), hamwe n'amafana.

"Ivyo n'imbere y'uko umushikiranganji abishikiriza imyidogo y'abaguzi twari tumaze kuyumva. Kandi na twebwe ubisomye urumva ko akanovera kahahora gasa n'akahindutse."

Brarudi ivuga iki?

Bwana Nduwayo yabandanije avuga ko Brarudi mu bisanzwe yahora inyaruka mu gushikiriza ibijanye n'ibinyobwa vyayo ariko ko ubu ataco iravuga.

Yagize ati: "Brarudi twari dusazanzwe tuzi ko ari ishirahmwe rikunda kuza riramenyesha ibintu vyabo aho bihagaze n'ubwo hoba hari ingorane bakazishikiriza.

Abagenzi bariko barafata akayoga i Shebeen, Soweto muri Afrika y'epfo mu 1991

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abanywa ivyo binyobwa bavuga ko akanovera katakiri nka mbere

"Ariko kuva iyo myidogo itanguye bari mu gacerere ntangere, ni naco gituma twovuga duti ahubwo nibave muri ako gacerere bashikirize nabo kuri ayo magenga abaguzi boba bafise..."

Uwo aserukiye abaguzi yabandanije avuga ko naho leta ivuga ko ata ngorane zihara, akanovera gafise akamaro kanini mu gutuma abaguzi bahurumbira ikidandazwa ico ari co cose.

Rero ngo naho boba bababwira ko ata ngorane kandi bumva ako kanovera karahindutse, ntibibuza ko bagira amakenga.