Umukuru wa CNL Agathon Rwasa avuga ko abayidodobereza ari abipfuza ko ifutwa kubera batinya ihiganwa mu matora

Umugambwe CNL umenyesha ko abatinya guhiganwa aribo bayagiriza ko ishaka gutoba amatora yimirije yo mu mwaka uza wa 2020.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ejo ku wa gatanu, umushingamateka Agathon Rwasa arongoye uwo mugambwe yariyamirije cane abo avuga ko bamutyoza bongera batyoza umugambwe arongoye mu kuwuremeka inteba ishushe.

Imigambwe imwe imwe nka FNL, RADEBU n'iyindi iherutse kwagiriza uyo mugambwe ko ari wo nkomoko y'imidugararo yibonekeza hagati mu gihugu, bakawagiriza ko ata matora wipfuza kujamwo.

Umugambwe CNL uvuga ko iyo migambwe yatoye inzira yo kuwuremeka inteba ishushe kubera atabanywanyi ifise, mu ntumbero y'ukurondera ko wovanwa ku rubuga rwa politike.

Muri ico kiganiro, Bwana Rwasa amenyesha ko ikiraje ishinga CNL ari ukwitegurira amatora meza, akavuga ko imigambwe iyagiriza amabi atandukanye ari iyitagira abanywanyi.

Ati: " CNL nta muntu n'umwe isagarira, CNL nta muntu n'umwe ibuza kurangura ivyiwe mu mwidegemvyo. CNL ntabwo itera ubwoba uyu canke uriya. Twebwe twitegurira kuja mu matora".

"Abavuga ngo CNL ntidushaka kuja mu matora, bakaturemeka inteba ishushe ngo tugomba kuzoyatoba, nibaza ko aribo bahahamutse babonye ukuntu CNL ifise abanywanyi".

Ku wa 13 z'uku kwezi kwa 11, umukuru w'umugambwe FNL Jacques Bigirimana yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho yagirije umugambwe CNL ko ariwo utera umudugararo mu gihugu kubera udashaka kuja mu matora ategekanijwe kuva mu kwezi kwa gatanu umwaka wa 2020.

Hampande ya FNL, hari n'iyindi migambwe yagirizwa na CNL ko igenda iteza urubwa uyo mugambwe urongowe na Agathon Rwasa, icegera ca mbere c'umukuru w'Inama Nshingamateka.

Kubwa Bwana Rwasa, abagiriza umugambwe CNL amabi atandukanye batinya amatora, bagatinya guhiganwa kuko ata banywanyi bafise, kubera kandi babona ko atabibanza kumbure bazohava bahabwa.

Ati: "Iyo migambwe rero, iyo ibonye CNL ifise abanywanyi mu gihugu cose, mu mitumba yose igize Uburundi, barabona y'uko ivyo bizeyeko y'uko hari abantu bazobaha ibibanza uko nyene mu matora ko ari ikibazo".

Hari abarondera ko CNL yofutwa

Avuga ko bahisemwo kudodobereza umugambwe wiwe bakawita ivyo bishakiye mu ntumbero yo kurondera y'uko umugambwe CNL wofutwa.

Ati: "Nobahanura ko ni baba bemera ko ari abanyepolitike, ni bategure imigabo n'imigambi baja gushikiriza abanyagihugu, natwe dutegure ivyacu tugende, ivyo abanyagihugu bazoshima bibe ari vyo twese tuyoboka".

"Ibisigaye guciranira imizi y'ikuzimu, kudodoberezanya, kugiriranira inzigo y'inzikira, ntaho bishikana abarundi n'iyo migambwe".

Kubwiwe, abotinywa ni abakoresha ingimba kuko berekana ububisha, akavuga ko abo bazwi.

Avuga ko gushika ubu hari abanywanyi bayo bakubitwa amahiri, abandi bagatemagurwa gushika bahasige ubuzima, ingoro za CNL zikabandanya zibomorwa zikanaturirwa.

Bwana Rwasa aragiriza urwaruka rw'imbonerakure rwo mu mugambwe uri ku butegetsi, hamwe na bamwe mu bategetsi bo mu ntara, mu makomine no ku mitumba, ko bahohotera bakanaburagiza ibikorwa vyawo, bafatiye ku mategeko atabaho.

Ati: "Hari ukuntu bariko bashira ku ruhande amategeko bakazana ingingo bishakiyengo bikunde bumve ko bogerageza kubuza ibikorwa vya CNL gutera imbere".

Bwana Rwasa, asaba abategetsi kwubahiriza amategeko azwi mu gihugu c'u Burundi, bakirinda gushinga amategeko atabaho.

Ariyamiriza kandi ivyagirizwa abanywanyi b'umugambwe arongoye mu ntara zimwe zimwe nka Karusi na Bujumbura, aho hari abagirizwa ko bafatanywe ibirwanisho.

Avuga ko ivyo vyose biri muvyo yita amarementanya akorerwa abanywanyi biwe mu buryo bwo kubatoteza no kurondera ingene umugambwe CNL wofutwa.