Pep Guardiola arahayagiza umukinyi Raheem Sterling avuga ko adasanzwe

Raheem Sterling yatsindiye Man city ibitsindo bitatu mu rukino rwa mbere rwayihuje na West Ham ejo ku wa gatandatu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Raheem Sterling yatsindiye Man city ibitsindo bitatu mu rukino rwa mbere rwayihuje na West Ham ejo ku wa gatandatu

Umumenyereza wa Manchester City, Pep Guardiola, arashimagiza uruhara rw'umukinyi "adasanzwe" Raheem Sterling yatsinze ibitsindo bitatu vyose mu rukino rwayo rwa mbere n'umurwi West Ham ejo ku wa gatandatu mw'ihiganwa ry'Ubwongereza, Premier League.

Uyo mukinyi yabonywe nk'uwudasanzwe n'umumenyereza wiwe yatsinze ibitindo bitanu mu nkizo za kivandimwe ziheruka, akaba yarabandanije uwo muvuduko ku munsi wa gatandatu.

Guardiola ati: "Ndazi ubuhinga budasanzwe bw'uyu mukinyi, ubwitonzi, inguvu n'ububasha bw'ugutsinda".

"Ku gitsindo ca kabiri, umupira ntiyawufashe neza ariko yatsinze igitsindo ciza, ica gatatu coco cari ciza birengeje".

"Aracari mu minsi ya mbere akina nk'umusatirizi, ariko ndizeye neza ko ico kibanza azogikinamwo neza cane, n'aho nzi neza ko ashobora gukina no ku zindi nomero z'imbere".

Eka na Alan Shearer yahoze ari umusatirizi w'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza yishimiye ubuhinga bw'uyo muhungu w'imyaka 24.

Ati: "Iyo ari imbere y'igori, igitangaza conyene ni igihe adashoboye kwinjiza. Aratekanye kandi ariyemera. Biragoye kumwaka umupira".

"Ibiharuro vyo mu myaka ibiri iheze birateye ubwoba - ibitsindo 35, yongera atanga imipira yavuyemwo ibitsindo incuro 32".

Hagati aho, Guardiola ashimangira uruhara rw'abandi bakinyi bakinana, akavuga ko

Sterling umupira wanka iyo abo bakinana batavyifashemwo neza.

Yongerako ati: "Mu gice ca mbere, yakinye nk'uko twariko dukina muri rusangi, hanyuma mu cige ca kabiri arakina neza nk'uko umurwi wose wariko urakina".

"Nivyo koko ko ari abakinyi bafise ubuhinga bwinshi, ariko barakeneraniye nk'umurwi uri hamwe. Iyo abakinyi bateye baja imbere bagasatira, nawe akina neza cane".

Mu rukino rw'ejo, Man city isanzwe ariyo yatsindiye ihiganwa riheruka, yatsinze West Ham ibitsindo bitanu ku busa, harimwo ivyo bitatu vya Sterling.