Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kennedy Hill, umwuzukuru w'umuhisi Robert F Kennedy, yapfuye bitunguranye
Saoirse Kennedy Hill - umwigeme akaba n'umwuzukuru w'umuhisi Robert F Kennedy yishwe ariko yiyamamaza mu kibanza c'umukuru w'igihugu - yitavye Imana.
Igisata c'ubutabazi bwihuse cahamawe n'umuryango wa Kennedy muri Hannis Port, mu ntara ya Massachussets kuri uyu wa kane. Uyo mwigeme w'imyaka 22 yitabiye Imana ku bitaro bita Cape Cod Hospital.
Saoirse Kennedy Hill yari umwigeme wa Courtney, uyu nawe akaba ari umwana wa gatanu Robert na Ethel Kennedy.
Umuryango wa Kenenedy waraciye mu bibazo bikomeye harimwo ukwicwa kwa sekuru wa Aoirse mu 1968.
Robert - mwenewabo wa President John F Kennedy - nawe nyene yishwe ariko yiyamamaza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.
Mu rwandiko umuryango wasohoye, umenyesha ko ubabajwe n'urupfu rwa Saoirse bakunda cane. Iryo tangazo rivuga riti: "Ubuzima bwiwe bwatanga icizere n'urukundo".
Nayo urwandiko rwa inakuru ruti: "Uyu munsi isi itakaje gato ubwiza bwayo".
Kennedy Hill niwe yari umwigeme wenyene wa Courtney na Paul Michael Hill. Bwana Hill yari umwe mu bantu bane bagirijwe kugira uruhara mu bisasu vyatewe mu kirabo bita IRA mu mwaka wa 1974, bose mu kivunga bakaba bari bazwi kw'izina rya Guildford Four.
Nta nsiguro zatanzwe ku bijanye n'urupfu rwiwe, kiretse ko ibinyamakuru vyo muri Amerika bivuga ko yoba yishwe n'ivyo yafashe birenze urugero.
Uyo mwigeme yari ajejwe kumenyesha amakuru muri kaminuza ya Boston, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru New York Times, kandi akaba yari yararwaye indwara z'ihahamuka.
Mu 2016 mu kinyamakuru yanditse ati: ''Ihahamuka ryanje ryatanguye ngejeje amashule hagati kandi nzoguma ndarifise igihe cose nkiriho".
Igipolisi gitangaza ko camenyeshejwe ivy'urupfu giturumbuka kandi ko catanguye amatohoza.
Ico kibanza nico John F Kennedy yagiriyemwo ikiruhuko ari umukuru w'igihugu mu mwaka w'i 1960. Yiciwe i Dallas mu mwaka w'i 1963.
Mu kwezi kw'indwi niho hibukwa imyaka 20 yari iheze umwana wa president John F Kennedy yitavye Imana. Yariko atwara indege mu bukwe bw'ahitwa Hyannis Port yagize isanganya ikiri mu nzira.