Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump yatanguje ku mugaragaro imyiyamamazo y’ikiringo ca kabiri mu matora ya 2020 muri Amerika
Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yatanguje ku mugaragaro imyiyamamazo y'ikiringo ca kabiri, asaba abanywanyi biwe kumwongera ikindi kiringo c'imyaka ine.
Uyo muperezida wo mu mugambwe w'abarepubulika yatangaje ivyo imbere y'ibihumbi vy'abanywanyi bari bakoraniye hamwe ejo ku munsi wa kabiri mu ntara ya Florida, yise ko ari "amavukiro agira kabiri" kuri we.
Yabwiye isinzi ryari aho ati: "Mpagaze imbere yanyu kuri uno mugoroba kugira ngo ntanguze ku mugaragaro imyiyamamazo y'ikiringo canje ca kabiri nk'umukuru w'igihugu ca Amerika. Ndabemereye ko ntazobata mu rudubi".
Yasubiyemwo icivugo ciwe gisanzwe kimenyerewe ati: "Tuzobandanya dukomeza kandi Amerika".
Hari abanywanyi biwe bari bashitse hakiri kare ku wa mbere kugira ngo birabire umukuru w'igihugu.
Trump yavuze iki?
Mw'ijambo ryiwe ryamaze iminota 80, Bwana Trump yashimangiye bikuru bikuru mu vyatumye atsinda amatora yo mu 2016.
Yabemereye ko azobandanya arwanya abimukira bo mu kinyegero, umunsi umwe inyuma y'ubutumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter avuga ko ikigo kijejwe amakori n'uruja n'uruza kiri mu gutangura kwirukana "amamiliyoni y'abanyamahanga badakwije ibisabwa n'amategeko".
Trump yavuze ati: "Tuvuga ko igihugu cacu gikwiye kuba ihuriro ry'abenegihugu bubahiriza amategeko, hakuba igihugu c' abanyamahanga b'inkozi z'ikibi".
Bwana Trump yafatiyeho n'akanya ko kwiyamiriza abo mu mugambwe w'abademocrate, yagiriza ko bariko bagerageza gutabagura igihugu.
Yabagirije ko bariko barondera gusasira indava abimukira bo mu kinyegero kugira ngo baduze amajwi yabo, akavuga ko ivyo ari mu ntumbero y'ugusambura igihugu.
Abagiriza kandi ko bafise intumbero y'ugushinga ubutegetsi buhagaze ku vyiyumviro vy'abasocialiste muri Amerika.
Yabwiye iryo sinzi ati: "Gutora abademocrate mu 2020 kwoba ari uguha ikibanza abafise ivyiyumviro bikaze vy'abasocialiste kandi kwoba ari ugusambura intumbero ya Amerika".
Yarashimagije intambwe igihugu kigezeko muvyo ubutunzi, yiyamiriza amatohoza ya Mueller ku bijanye n'uruhara rw'Uburusiya mu myiyamamazo yiwe mu matora yo mu 2016, avuga ko ibinyamakuru vyashikirije amakuru kuri ivyo ari "ibinyamakuru bikwiragiza ibihuha" (fake news).
Ku rundi ruhande, uwuriko ahiganirwa guserukira umugambwe w'abademocrate muri ayo matora, Bernie Sanders, yishuye ku vyariko bivugwa na Trump acishije ku rubuga rwa Twitter, avuga ko Bwana Trump "yari ku yindi si tudasanzwe tubako".
Avuga ati: "Intumbero yacu nyamukuru ni ugutsinda uyo muperezida wa mbere abangamiye gusumba mu mateka ya none y'iki gihugu".
Hagati aho, hari imyiyerekano yo kumwiyamiriza yari yatunganijwe hafi yaho. Amareresi yacishijwe ku mbuga hwaniro yerekana urwaruka rugendera ku vyiyumviro bikaze vy'abazungu ruhagarikwa n'igipolisi, mu gihe rwariko rugerageza guhangana n'abari muri iyo myiyerekano.