Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igipolisi kigendera kuri Sharia capfunze 'abafunguye mu mafungo ya Ramadhani' mu gihugu ca Nigeria
Igipolisi kigendera ku mategeko ya ki Isilamu, Sharia, mu ntara ya Kano iri mu buraruko bwa Nigeria carahagaritse abantu 80 bagirizwa gufungurira mu bantu, aho kwisonzesha kuva mu gaturuturu gushika ku mugoroba nk'uko bisabwa aba isilamu mu kwezi kweranda kwa Ramadhani.
Ico gipolisi ca Sharia, kizwi kw'izina rya Hisbah, kivuga ko abo bantu bahagaritswe mu biringo bitandukanye mu bice bitandukanye vy'igisagara ca Kano mu minsi mike iheze.
Intara ya Kano, ni imwe mu ntara zitari nke zo mu buraruko bwa Nigeria zagarukanye amategeko ya Sharia kuva mu mwaka wa 2000.
Amategeko ya Sharia arakurikizwa ku rugero kanaka hampande y'amategeko asanzwe y'igihugu.
Umuvugizi wa Hisbah mu ntara ya Kano, Adamu Yahaya, yabwiye BBC ko abo bafashwe bari aba isilamu, kandi ko abapolisi badafata abatari aba isilamu kubera batagengwa n'amategeko ya ki isilamu.
Yongeyeko y'uko bamwe muri abo batawe muri yompi babwiye ibiro vya Sharia ko bafunguye kubera batari biboneye ubwabo inyenyeri ya Ramadhani, abandi nabo bakirwaza, abategetsi bakaba basanze ivyo vyitwazo bidafashe.
Bwana Yahaya yongeyeko ko abo bantu 80 bihanijwe hanyuma bararekurwa kubera bari « ibitabanga ».
Baragabishijwe ko ni basubira gufatwa bazorengutswa muri sentare. Igipolisi ca Hisbah kimenyesha ko kizobandanya gukizura mu kiringo cose ca Ramadhani kugira ngo bahagarike aba isilamu batitabira amafungo.
Aba isilamu bose bakuze bategerezwa kwitabira amafungo ya Ramadhani, ariko hariho imirwi y'abantu - abasinzikajwe n'indwara - yemerewe kutayitabira.