Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indege ya Boeing 737 yanyereye igwa mu ruzi igihe yururuka i Florida muri Amerika
Indege yunguruza abantu yanyereye ku nzira yayo mu ntara ya Florida mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, igwa mu ruzi mu gihe yururuka mu mvura y'isegenya irimwo n'imituragaro.
Mu bantu 143 iyo ndege yari ireruye nta wa komeretse cane.
Iyo ndege y'ikompanyi Miami Air International, yari ivuye i Guantanamo Bay mu gihugu ca Cuba igiye ku kigo ca gisirikare kiri mu gisagara citwa Jacksonville muri iyo ntara ya Florida.
Abari muri yo bavuga ko yikubise hasi cane ishitse hasi mu gihe c'iyo segenya, ica iranyerera yita mu ruzi St John rwari ng'aho hafi.
Ingenzi zishika 20 nizo ziriko ziravurwa ibikomere bito bito.
Umwe mu ngenzi zari muri iyo ndege, Cheryl Bormann, yabwiye televiziyo CNN ko "vyari ibintu biteye ubwoba cane" aho iyo ndege yanyerera ku mugoroba w'ejo ku wa gatanu.
Cheryl avuga ati: "Iyo ndege yikubise hasi ica isubira kuduga - vyaboneka ko umudereva yagize ingorane y'ukuyihagarika kuko yaguma idundadunda".
"Twari mu mazi. Ntitwashobora kumenya iyo turi, nimba hari mu mazi canke mu kiyaga!"
Cheryl yavuze ko yumva akamoto k'ibitoro vy'iyo ndege vyarika bivira mu ruzi.