Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abahohotera abamenyesha makuru nta neza bashakira ibihugu
Abarongozi bamwe bahohotera ibimenyeshamakuru kuko batinya ko abanyagihugu bamenya ukuri.
Ibi vyavuzwe na Erneste Sagaga, ajejwe agateka ka muntu mu runani mpuza makungu rw'abamenyeshamakuru, kur'uyu munsi mpuza makungu wahariwe ubwigenge mu kumenyesha amakuru.
Arnaud Froger, arongoye ikigabane ca Afrika mu muryango mpuzamakungu rw'abamenyesha makuru - RSF-, yabwiye BBC Gahuza miryango ko akarere k'ibiyaga binini kari mu bihugu vya Afrika uwo mwuga ubangimiwe.
Sagaga yanibukije imizi y'intwaro ibereye: ''ubwigenge mu kwitorera abarongozi, ubutungane nyabwo hamwe n' ubwigenge mw' itangazamakuru''.
Mu Rugendo arimwo muri Afrika, Jeremy Hunt, umushikiranganji w'ugufashanya kw'Ubwongereza, yavuze ko ''Ubwigenge bwo kumenyesha amakuru ari imfunguro y'ubwigenge bw'abantu n'ibihugu''.
Yongeye ko mur'ibi bihe, atari igihe co kudehukirwa kubushigikira.
Umwuga wo kumenyesha amakuru umeze gute mu karere k'ibiyaga binini?
U Burundi bwagumanye ikibanza c'i 159, ku bihugu 180, ''Ivyo bisigura ko ata bwigenge buri mw'irangurwa ry'uwo mwuga''.
Arnaud Froger wo mw'ishirahamwe RSF, avuga ko nko mu Burundi, iryo shirahamwe ribandanya rironka amakuru y'abamenyesha makuru bahunga i gihugu.
Urwanda rwarateye intambwe y'ikibanza kimwe, ubu buri mu kibanza c'i 155.
Arnaud avuga ko leta y'u Rwanda icungisha ijisho uko uwo mwuga ukorwa.
Yongera ati, ''N'ikimenyamenya, ni ingingo zo mw'itegeko mpanavyaha ziraba ku buryo bwiharije uwo mwuga''.
Kubwa Arnaud Froger, mu Burundi bigoye bikiriko kuko, mu gihe igihugu citegurira amatora yo mu 2020, n'abantu bafise ubwoba bwo gushikiriza ivyiyumviro vyabo mu binyamakuru.
Abamenyesha makuru bari mu bibazo bafashwa iki?
Atanga akarorero k'abamenyesha makuru b'abarundi baharurwa mw'ijana, bahunze u Burundi kuva mu ntureka zo mu 2015, Erneste Sagaga yamenyesheje ko icihutiwe kwabaye ukubarondera aho baba batekaniwe, be n'imiryango yabo.
Mu nyuma, abipfuje kurondera ubuhungiro nabo barafashijwe.
Uyu munsi kandi ushitse mu gihe ibinyamakuru mpuza makungu, BBC hamwe n'Ijwi rya Amerika -VOA-, vyugawe ku gataka k'u Burundi.
Hejuru y'ivyo, Sagaga yibukije ko amakungu akirindiriye ico leta ishikiriza ku mumenyesha makuru Jean Bigirimana yanyururijwe mu Burundi, mu 2016.
Sagaga yibukije ko ibihugu vyo mu karere bitoguma bitoteza abameneyesha makuru kuko iyo uwo mwuga ukozwe neza mu bwigenge, uba nk'icirore umunyagihugu arabiramwo uko igihugu cifashe.