Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abajejwe intwaro mu Burundi bahagaritse burundu BBC na VOA gusamirana mu Burundi
Abajejwe intwaro mu gihugu c'u Burundi bahagaritse burundu gusamirana muri ico gihugu ibitangazamakuru mpuzamakungu, BBC hamwe na VOA.
Urweko rujejwe itangazamakuru mu Burundi, Conseil National de la Communication (CNC), nirwo rwatangaje iyo ngingo kuri uno wa gatanu.
CNC yavuze ko kizira ko hagira umunyamakuru n'umwe ari ku butaka bw'u Burundi, yaba Umurundi canke umunyamahanga, atanga amakuru wenyene canke biciye ahandi, yotangazwa n'ivyo bitangazamakuru.
Urwo rwego kandi ruvuga ko ikiganiro ca BBC casamiranye mu mwaka uheze cerekeye ubwicanyi bwagirizwa abajejwe umutekano bwabereye mu nzu iri ku murwa mukuru Bujumbura, vyari ibinyoma.
CNC kandi ivuga ko ico kiganiro cahonyanze amategeko agenga itangazamakuru.
Ibiganiro vya BBC vyari bimaze umwaka bihagaritswe mu Burundi.