Umugore amaze imyaka ari muri "coma" ameze nk'uwapfuye yibarutse muri Amerika

Umugore amaze imyaka ameze nk'uwapfuye yibarutse mu bitaro vya Phoenix muri Amerika

Ahavuye isanamu, Google

Insiguro y'isanamu, Umugore amaze imyaka ameze nk'uwapfuye yibarutse mu bitaro vya Phoenix muri Amerika

Igipolisi co muri leta ya Phoenix kiriko kiratohoza ku vyikekwa kuba ihohotera rishingiye ku gitsina, inyuma yaho umugore amaze imyaka myinshi muri "coma" ameze nk'uwapfuye basanze yarasamye none akaba yibarutse.

Uwo mugwayi ari mu bitaro Hacienda HealthCare i Phoenix muri leta ya Arizona, muri Amerika amaze imyaka hafi cumi ari muri "coma" inyuma yaho agiriye impanuka y'imodoka, ariko akaba yavyaye umwana w'umuhungu itariki 29 Ukwezi kwa 12, nkuko vyiganwa n'umuryango wiwe.

Umuntu yahawe amakuru ku vyabaye yagize ati: «Nta muntu numwe mu bakozi b'ivyo bitaro yarazi ko yibungenze imbere yuko yibaruka."

Igipolisi ca Phoenix kiriko gitohoza ku caha co guhohotera bishingiye ku gitsina.

Kivuga ko umwana ameze neza.

Bivugwa ko uwo mugwayi akenera gukurikiranwa amasaha 24 kuri 24, uwahawe amakuru akavuga ko abantu benshi bahora binjira mu cumba ciwe.

Kuva iryo bara ribaye, uburongozi bw'ibitaro bwarahinduye amategeko muri ino ndwi.

Iyo bikenewe ko umukozi w'umugabo aja mu cumba c'umurwayi w'umugore, amategeko mashasha asaba ko agenda aherekejwe n'uwundi mukozi w'umugore.