Umukuru w'inyeshamba yakatiwe 20 muri RD Congo

Abanye Congo b'abasivile bakunze guhohotegwa n'imigwi y'inyeshamba

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanye Congo b'abasivile bakunze guhohotegwa n'imigwi y'inyeshamba

Sentare ya gisirikare muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo yakatiye umukuru w'inyeshamba igipfungo c'imyaka 20, yagirizwa guhohotera abigeme bishingiye ku gitsina no kubagira abaja.

Lieutenant colonel Maro Ntumwa, azwi kw'izina rya "Le Marocain", yagirijwe ivyaha vyinshi yoba yakoreye mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko muri Congo, hagati y'i 2005 n'i 2007.

Yegetsweko ivyaha "vyo mu ntambara birimwo kugira abigeme abaja bishingiye ku gitsina, ubusuma no kugaba ibitero ku basivile, ivyaha vyibasira zina muntu birimwo no gufata ku nguvu abagore" niko ikigo gifasha abakorewe amabi, Trial International, kivuga.

Ico kigo kivuga ko Bwana Ntumwa, yigeze kurongora abagwanyi b'aba "Mai Mai", yarafise umugwi w'abagwanyi wishe abanyagihugu amajana...muri ivyo bitero abagabo baricwa canke bagapfungwa, abagore n'abigeme bakagigwa abaja. "

Ikigo "Trial International" kivuga ko sentare yategetse agashumbusho k'amahera y'amadolari $2000-5000 ahabwa abakorewe ayo mabi.

Akarere ko mu buraruko hamwe n'ubumanuko bwa Kivu karagwiriyemwo ubwicanyi bukogwa n'imigwi y'inyeshamba, yambura amahera abanyagihugu, ikagwana hagati yayo irondera kugenzura ubutunzi buva mu butaka.