Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Leta y’u Burundi irondeza abandi 17 mu rubanza rwa Ndadaye
Ikete ry'umushikiriza manza mukuru risaba ibihugu bibahaye indaro ku bafata, kandi ko abanye politike batohubisha ubutungane.
Major Pierre Buyoya yahoze ari umukuru w'igihugu niwe aza kw'isonga ry'iryo tangazo risohotse.
Iri kete rigenewe abamenyesha makuru, risinye ko Sylvestre Nyandwi, umushikiriza manza mukuru wa repubulika y'u Burundi.
Iryo kete rivuga ko:
"hari ibimenyetso abagira amatohoza bafise, vyerekana ko aba bantu 17 bandi boba bafise uruhara mw'igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye n'abafasha biwe".
Mur'aba baronderwa n'ubutungane bw'u Burundi, habonekamwo nka
- Charles Ntakije -Colonel- yabaye umushikiranjanji wo kwivuna abansi ku ntwaro ya Ndadaye,
- Antoine Nduwayo yabaye umushikiranganji wa mbere mu kiringo ca Sylvestre Ntibantunganya;
- Bernard Busokoza -Colonel-, yabaye icegera ca mbere ca Petero Nkurunziza (2013-mu kwa mbere 2014).
Ikindi kigaragara mur'iri kete, n'uko harimwo n'aba civile batari bake, ahanini barongoye izindi nzego z'igihugu.
Ahanini banabaye mu nzego zarongoye, mu bihe biheze, umugambwe UPRONA.
Iri kete ryemeza kandi ko abaronderwa bose ata n'umwe ari ku gataka k'u Burundi.
"Duhejeje kurungika imitahe mpuza makungu, kugira ngo ibihugu babamwo bibafate, bibarungike mu Burundi, kugira ngo bisigure kur'ivyo baronderwa ko".
Aba baronderwa n'ubutungane bw'u Burundi, inyuma y'indwi imwe hahagaritswe intwazangabo ziri mu karuhuko ka bukuru, zine, ku mvo z'amatohoza.