Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kubera iki intwazangabo zine zagirizwa kwica Melchior Ndadaye yari Prezida w'u Burundi zafashwe?
Mu mpera z'indwi iheze intwazangabo zine zahoze mu gisirikare c'u Burundi zarafashwe zagirizwa kugira uruhara mu rupfu rwa Prezida Melchior Ndadaye.
Naho amazina y'abafashwe ataremezwa, bivugwa ko ari Gen Celestin Ndayisaba (Kibadashi ), Col Gunungu, Col Nahigombeye hamwe na Col Niyonkuru.
Benshi baribaza igituma hoba hari abagifatwa nyuma y'imyaka 25 uwari umukuru w'u Burundi agandaguwe.
Haribazwa kandi igituma hari abofatwa kandi hari urubanza rwaciwe hakagira abapfungwa n'abagirwa abere.
BBC Gahuzamiryango yavuganye na Maitre Fabien Segatwa, umushingwamanza w'umuryango wa Melchior Ndadaye, adusigurira igituma hari abandi bafashwe.
Mw'ijoro ryo ku wa 21 z'ukwa cumi 1993, umugwi w'abasirikare b'u Burundi wafashe umukuru w'igihugu Melchior Ndadaye, wa mbere yari yagiyeho biciye mu matora ya demokrasi, uramugandagura.
Iyicwa ryiwe ryakurikiwe n'ubwicanyi bwo kwihorana hagati y'abahutu n'abatutsi, bwaje kwadukamwo n'ivuka ry'imigwi itandukanye yitwaje ibirwanisho, haduka intambara bivugwa ko yahitanye abarundi bashika ibihumbi 300, abandi benshi barahunga.