U Burundi buvuga ko hari umunyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi afise umugambi wo kwica perezida

U Burundi bwagiriza umunyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi gutegura umugambi wo kwica umukuru w'igihugu.

Mw'itangazo ryaciye kuri televiziyo, ubushikiranganji bujejwe umutekano mu gihugu buvuga ko Pierre-Celestin Ndikumana wo mu runani rutavuga rumwe n'ubutegetsi, ariko aratunganya umugambi w'abantu batatu bica umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza, abategetsi bakomeye hamwe n'abanyepolitike babiri bo mu nama nshingamateka.

Amakuru avuga ko yoba agiye kwambugwa ubudahangagwa kugira ngo ashobore gukurikiranwa n'ubutungane.

Bwana Ndikumana avuga ko ivyo aregwa bifise intumbero yo kumutera ubwoba.

Ko mu gihe leta yibasira abo mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi, bituma abanyagihugu batekegwa n'ubwoba mu Burundi.

Umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza yaramenyesheje ko atazitoza mu matora yimirije mu mwaka w'i 2020.

Imidugararo yadutse imbere y'amatora aherutse mu 2015 yatumye abantu barenga 1000 bapfa, hafi 500000 bata ingo zabo.