Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kugirwa "imboneza yamaho" ngo ntaho bihuriye n'amatora
Umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi, CNDD-FDD, uvuga ko kuduza umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza ku rwego rw'"imboneza yamaho" ataho bihuriye n'amatora ya 2020 canke ihindurwa ry'ibwirizwa shingiro.
Vyashikirijwe n'umunyamabanga mukuru w'uwo mugambwe, Evariste Ndayishimiye, kuri uno wa kabiri mu kiganira yahaye abanyamakuru, nyuma yaho Abarundi bamwe bamwe berekanye amakenga kuri iyo ngingo.
Mu kiganiro bwana Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko umukuru w'igihugu Petero Nkurunziza ari we mugumyabanga aza imbere y'abandi bose.
Ngo aza imbere haba mu gukunda umugambwe CNDD FDD canke mu kurangura imigambi y'iterambere ry'igihugu.
Yagize ati: "Uravye ivyo akora canke impanuro atanga, nta wundi n'umwe amurusha kumenya CNDD-FDD.
"Nico gituma umugambwe waciye umufata nk'imboneza ya mbere kubera ivyiyumviro vyiwe mu mugambwe CNDD-FDD, twarabonye ko dutegerezwa kubigenderako imyaka yose.
"Muribuka agitanguza umugambi wo kuvura abana ku buntu, benshi bavuga ko bidashoboka ariko vyarakunze.
"Imbere y'aho abavyeyi baratinya kuja kwa muganga kwibaruka kubera badafise amahera bagapfira muhira".
Nk'uko bigaragara ku mbuga hwaniro zimwe zimwe nka fecabook na twitter, canke imbuga z'ibinyamakuru bimwe bimwe, iyo ngingo isa nuko itakiriwe neza na bamwe mu Barundi.
Ni mugihe hasigaye ukwezi kumwe n'imisi kugirango habe amatora y'ibwirizwa shingiro, hakaba hari n'abibaza ko bifitaniye isano n'amatora ya 2020, ariko Evariste Ndayishimiye avuga ko ataho bihuriye.
Gufatanya ibintu
Ati: "Abantu nibareke gufatanya iyi ngingo n'amatora y'ibwirizwa shingiro. Iyi ni ingingo CNN FDD yafashe nk'umugambwe.
"Twebwe dushira imbere demokarasi, iyo hageze amatora turaja hamwe tukabazanya duti mbega tuzorungika nde?"
Ingingo yo kuduza Petero Nkurunziza ku rwego rw'imboneza yamaho yafatiwe mu nama ya komite nkuru y'umugambwe uri ku butegetsi yabereye i Ngozi mu mpera z'indwi irangiye.