Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amatati ari hagati y'u Burundi n'ibihugu bimwe bimwe ariko aratorerwa umuti
Bwabaye ubwa mbere umutegetsi w'igihugu amenyesha ku mugaragaro ko amatati yagiye araboneka hagati y'u Burundi n'ibihugu bimwe bimwe, ariko aratorerwa umuti.
"Utugorane twagiye turaba hagati y'ibihugu nk'u Rwanda n'Ububirigi, ni nk'indwara yateye, ariko iriko irakira".
Ico ni kimwe mu vyashikirijwe na Ezechiel Nibigira, umushikiranganji wo gufashanya kw'u Burundi n'amakungu, akoranije abaserukira ibihugu vyabo, n'amashirahamwe mpuza makungu.
Mur'uwo mubonano wabaye kur'uyu wa 24 z'ukw'umunani, umushikiranganji yanakoresheje imvugo ngereranyo asigura uko iyo migenderanire imeze ubu.
Kur'ivyo bibazo, umushikiranganji Nibigira yavuze ko uko imigenderanire iriko iranaguka.
Ati uko yar'imeze hagati y'u Uburundi n'ibihugu bimwe bimwe mu 2015, "hakorwa vyinshi ngo bihinduke, kandi bitavugirwa hejuru".
Hanagarutswe, muri rusangi, ku matati ari hagati y'abarundi, cane cane yadutse mu 2015 kuva Perezida Nkurunziza amenyeshereje ko agiye kwitoreza ikiringo ca gatatu.
Umushikiranganji Nibigira y avuze ati, "Umuce wa gatanu w'ibiganiro vy'abarundi, bizoba ari ivya nyuma kuko igihugu gifise ibindi bikirindiriye".
Aha umushikiranganji yatomoye ko igihugu kigiye kwitegurira cane cane amatora yo mu 20 20.
Yanaboneye ho akaryo ko gushimira ubumwe bwa Afrika bushigikiye ibikorwa vyose bijanye n'ivyo biganiro.
Mu gusigura icatumye iyo nama, umushikiranganji Nibigira Ezechiel yavuga ko yabakoranije ngo abasigurire ingene igihugu cifashe muri rusangi.
Mu gushima ubwo butumire bw'uwo mubonano, Ambassador Ken Vitisia aserukira igihugu ca Kenya mu Burundi, yavuze ati:
"u Burundi ni igihugu kirwiriye mwo ibihuha".
Mu nama yaheruka guhuza abanye politike mu ntara ya Kayanza, buramatari w'iyo ntara yari yavuze ko biketse ivyohungabanya umutekano hagati y'Urwanda n'u Burundi.
Iyo ntara iri ku rubibe rw'ivyo bihugu bibiri.
Uyu mubonano kandi, ubaye iminsi itatu inyuma y'itanguzwa ry'umugambi wo kurwanya ubukene mu Burundi, uzotwara amahera angana na miliyari 20 000 fbu.
Bwana Serges Ngendakumana ari mu bateguye uwo mugambi, yari yabwiye BBC ko ayo mahera azova mu barundi no mu bihugu bigenzi.