Imicafu yisuka mu kiyaga Tanganyika mu Burundi irabangamira abantu n'ibinyabuzima

Abanyagihugu barangurira imirimo ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika basaba reta gutorera inyishu ikibazo c'inzuzi zisuka muri ico kiyaga imicafu inuka ikabangamira amagara y'abantu n'ibinyabuzima bikirimwo.

Ni inyuma y'aho inama nkuru y'umutekano itegetse ko ibinogo vy'ikigo SETEMU biyungurura imyanda iva mu mihana igize igisagara, vyari vyarapfuye, vyosanurwa vuba.

Ivy bonogo biri mu bisuka imicafu muri Tanganyika.

Amazi yirabura, ifuro ryera hejuru, n'umunuko, nivyo bikwakira ushitse mu kibanza uruzi Kinyankonge ruzana imicafu iva mu binogo biyungurura imyanda vyo ku buterere rwisukira mu kiyaga Tanganyika.

Vyunyurwa n'akuzi bita Kinuke kava mu mahinguri akora inshato, kari nko ku metero 300 uvuye muri ico kibanza.

Bituma rero imirimo iharangurirwa nk'ubunywero n'ibindi ihungabana.

Umukozi umwe akora mu bunywero yaganiriye na BBC ati :« Uyu munuko iyo utanguye kuza n'abakiriya baca bagenda. Hari n'igihe bataturiha. Turahomba. Dusaba reta ko yokura iki kibazo mu nzira. »

Haciye igihe kitari gito, ibinogo vyo muri quartier ya Buterere biyungurura imicafu iva mu gisagara bidakora.

Iyo micafu yinjira mu kiyaga ukwo yavuye mu mihana.

Si kuri Tanganyika honyene hari umunuko, no ku Buterere nyene ahari ivyo binogo abahaba bavuga ko bari mu kwomoka.

Umutamakazi umwe yabwiye BBC ati:"Uciye impande y'ivyo binogo urumva ko uremerewe. Ntitukiryama. Twipfuza ko boja barabipompa. Kuko twibaza ko vyapfuye. Kera twarumva imashini zibiyungurura ziriko zirahinda ariko ubu ntitukizumva."

Umuyobozi mukuru w'ikigo Setemu kiraba ivyo binogo, Jean Paul Mpawenimana, amenyesha ko ata bikoresho bikwiye bafise.

Avuga ati:"Ubu habonetse imashini zibiri. Tugiye kuzikorako mu gusubira kuyungurura imicafu gutyo ikiyaga Tanganyika gikingirwe."

Ku myidogo y'abanyagihugu bo ku buterere bahanzwe n'umunuko, uwo muyobozi avuga ko uwo munuko ataho uhuriye n'ugupfa kw'imashini ya setemu.

Jean Paul Mpawenimana avuga ati:" ingorane ni bo bayiteye mu kuza kuvogera ivyo binogo."

Kera ngo ico kibanza cari mw'ishamba.