Igisirikare ca Kameruni cahatswe gucibwa umutwe mu mutego

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwo mutego wahatswe guhitana umushikiranganji, ari kumwe n'umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare, vyabaye Perezida Paul Biya yaraye amenyesheje ko agiye kwitoreza ikiringo c'indwi.
Iradiyo ya leta yamenyesheje ko benshi mu bateye, boba bava mu gice kivuga icongereza kirondera ukwikukira.
Bivurwa ko abo bateye bishwe n'abasirikare b'igihugu.
Abasirikare 4 n'umumenyeshamakuru umwe bivugwa ko bakomerekejwe.
Haheze amezi n'amezi havugwa umutekano muke mu ntara za Kameruni zivuga icongereza.
Aho ni mu bumanuko bushira uburengero bwa Kameruni.
Ni muri ako gace hari abasaba ubwigenge bw'akarere bise Leta ya Ambazonia.
Bavugako bakandamijwe n'abakoresha ururimi rw'igifaransa aribo benshi mu gihugu.
Uwo mutego wabaye Perezida Paul Biya yaraye amenyeshejeko azokwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ikiringo kigira ndwi. Paul Biya ubu afise imyaka 85.










