Turukiya iriyamiriza ukwikukira kw'intara ya Kurdistan

Ahavuye isanamu, Reuters
Prezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan yiyamirije ashavuye ukwikukira kw'intara ya Kurdistan mu gihugu ca Iraki avuga ko bitaciye mu nzira nyakuri.
Yavuze ko ukwo kwikukira gushobora gukwegera akarere kose mu ntambara, yongera avuga ko ashobora kuyifatira ibihano ibandanije.
Yavuze ko aba Curdes bazobura ico bafungura ni yahagarika ibidandazwa vyajabuka umupaka.

Ahavuye isanamu, AFP
Turukiya ifise ubwoba ko mu gihe havutse igihugu c'aba Curdes bihana urubibe ko bishobora gutuma inkehwa z'aba Curdes bo muri Turukiya bashaka kwiyonkora ku butegetsi.
Ivyavuye muri ayo matora kamarampaka ntibiratangazwa, ariko vyitezwe ko amajwi menshi aza kuba "ego".






