Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umunsi mukuru wa Eid al Fitr wabaye uwo gusubiza hamwe
Uno munsi, mu gisagara ca Bujumbura, ibirori nyamukuru vyahurije abantu ku cicaro c'umuryango w'aba Islamu mu Burundi COMIBU, kiri muri kartier ya Jabe.
Eid al-Fitr, benshi bita 'Ilayidi', ni umunsi uhimbaza isozerwa ry'amafungo ku ba Islamu.
Mu myaka iheze, hahora haboneka amacakubiri, aho abayoboka aba canke bariya bahora bahimbaza umunsi nk'uyu mu bibanza bitandukanye.
Kabaye akaryo ko kuzirikana ku nsiguro y'uwo munsi, n'ico amafungo bari bamaze mwo ukwezi yabazaniye.
Insiguro rusangi
Umugore yaganiriye BBC mur'ico kibanza, yasiguye ko 'Eid al-Fitr' ari umunsi wo gushimir'Imana.
Ati, "Amafungo n'umwiherero wa Ramadani, kuri jewe, ni igihe gikomeye mu kwemera kwanje nka kurya kw'aba kirisu bahimbaza Noweli canke Pasika."
Uwo mugore ashima ko Imana yamufashije igafasha igihugu mur'ico kiringo ntihabe ivyago.
Uwundi mugabo yabwiye BBC ko ari akanya ko kunezerwa mu muryango, hagatumirwa incuti n'ababanyi, bagasabikanya utwo bafise.
Uwundi mugore yibukije ko ayo mafungo ari n'akaryo ko kwibuka ko amadini menshi adatandukanye, mu Burundi.
Yagize ati, "Uravye ingene imigirwa mu kwemera isusa, nk'uku kwifunga; bitwibutsa ko dusenga Imana imwe, naho hari ivyo tudahurizako".
Umunsi wo gusabikanya?
Kur'uwo munsi mukuru, aho hari icicaro ca COMIBU, hanibonekeje abantu badandaza utuntu dutandukanye, cane cane two gufungura.
Umugore yatembereza utwo adandaza yabwiye BBC ati, "ndi umukirisu, ariko sinimiriwe gushika mur'ico kibanza. Utwo ndandaza nitwo tuntunze, tunyambika, tumfasha kuriha aho mba.
Uwundi musore mur'abo badandaza, ati "Ni ukurondera ivyashara. Ahabera iminsi mikuru, hahurira abantu benshi, niho turonka aba kiriya".
Sadiki Kajandi, arongoye umuryango w'aba Islamu COMIBU -mu Burundi- yatanze impanuro afatiye ku buntu.
Yagize ati, "Naho ukwezi kwa Ramadani guheze, tugumane Ubuntu. Tubandanye twirinda amabi nk'ubwicanyi, ubusambanyi, nibindi nk'ivyo".
Uyu munsi uri mu minsi y'akaruhuko leta y'u Burundi yashinze.