Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abipfuza kwiyonkora ku butegetsi bwa Cameroun bakatiwe igipfungo
Sentare yo mu gihugu ca Cameroun yakatiye igipfungo c'imyaka iri hagati ya 10 na 15 abantu indwi bo mu gace ka Cameroun kavugwamwo ururimi rw'igifaransa, bagirizwa kugumuka no kuja no mu bikorwa vy'iterabwoba.
Barimwo umukuru wabo, Mancho Bibixy, atangaza amakuru kw'iradiyo y'icongereza yo mu ntara y'uburaruko bushira uburengero bw'igihugu.
Abavuga ururimi rw'icongereza muri Cameroun ni inkehwa, bakavuga ko bagiye barakumigwa n'abavuga ururimi rw'igifaransa bo benshi.
Abo bantu bamaze igihe mu myiyerekano, basaba ngo agace kabo kikukire.
Abamenyeshamakuru bavuga kw'iradiyo ya Mancho Bibixy imaze igihe ikorana n'umugwi w'intagondwa uri ahitwa Bamenda, mu buraruko bushira uburengero bw'igihugu.
Uturere two mu buraruko bushira uburengero hamwe n'ubumanuko bushira uburengero nitwo tuvugwamwo ururimi rw'icongereza.