Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abashaka ubwigenge bahanganye na leta muri Cameroun
Abaharanira kwiyonkora kuri Cameroun batunganije imyiyerekano yahuriranye n'umunsi basanzwe bibuka igihe ako gace kari kashizwe kuri Nigeria n'abakoroni b'Abongereza, komekwa kuri Cameroun mu 1961.
Abashaka ukwo kwiyonkora bashaka no gufatiraho akaryo ko gutangaza ko bihaye ubwigenge, bikuye ku gice ca Cameroun kivuga igifaransa.
Ku munsi wa kane, leta yari yatanze itegeko ryo kubuza ko abantu bakoranira hamwe barenga bane muri ako gace.
Ababa canke baturuka mu gace kavuga icongereza bakomeje kugira imyiyerekano kuva mu mwaka uheze.