Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Cameroun yagirizwa guhohotera abikekwa gukorana na Boko Haram
Abantu baharugwa mu mirongo bikekwa gukorana na Boko Haram barahohotewe gushika gupfa n'inteko z'umutekano za Cameroun kuva mu 2013, niko Amnistie Internationale yavuze.
Ico kigo mpuzamakungu giharanira agateka ka zina muntu kivuga ko abantu bikekwa baharugwa mu majana bapfunzwe n'inteko z'umutekano za Cameroun, kenshi ata vyemezo zibifitiye.
Benshi muribo ni abagabo bageze mu myaka yo gushobora kugwana ariko harimwo n'abagore hamwe n'abana.
Ico kigo kivuga ko benshi mu bafatwa bakubitwa, bakaruhishwa, bagashigwa no mu mazi.
Uburaruko bwa Cameroun - hamwe n'uburaruko bushira ubuseruko bwa Nigeria n'uduce twa Tchad na Niger - harageramiwe kubera imigumuko ya Boko Haram n'abagwanyi bayo.
Amnistie ivuga kandi ko yahaye leta ya Cameroun ivyemezo vyerekana ko hari ivyaha vyo mu ngwano bikogwa muri ako karere, ariko ntaco irabivugako.