Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubushurashuzi bw'amanota muri kaminuza ya Uganda
Icegeranyo giherutse gusohoka kivuga ko hari ingeso yo kudahana ivyaha kw'ishuli kaminuza rya Uganda, aho abanyeshuli bashurashuzwa n'ababigisha barondera amanota.
Mw'itohoza ryakozwe ku kiringo c'amezi abiri kw'ihohotera rishingiye ku gitsina kuri kaminuza ya Makerere i Kampala, bivugwa ko abakora ayo mabi bazwi n'abanyeshuli hamwe n'abakozi.
Abakoregwa ubwo bubisha ngo usanga batipfuza kubishikana imbere, batinya ko batokwuzurizwa.
Ivyo vyatumye havuka ingeso yo kubigumiza mw'ibanga.
Umwigisha Sylvia Tamale, yararongoye umugwi ukurikirana ivyo vyagiriji, avuga ko abigisha b'icubahiro bari mu bagirizwa iryo hohotera rishingiye ku gitsina.
Aravuga ingene bamwe muribo babeshe abanyeshuli bakaja mu biro vyabo, ngo bumvikane ingene bohabwa amanota.
Itohoza ryakozwe na BBC ryashizwe ahabona mu kwezi kwa gatatu, ryarerekanye ko igihe ayo mabi ashikanywe imbere, ko ubuyobozi bwa kaminuza ata kintu gifadika bwakora haba mu gutohoza canke guhana abayakoze.
Umwigisha Barnabas Nawangwe, icegera c'uwurongoye iyo kaminuza, avuga ko abakozi 10 birukanywe kuva mu 2006, igihe hashingiwe itegeko rigenga ivy'ihohotera rishingiye ku gitsina.
Abandanya avuga ko kaminuza ya Makerere itihanganira ihohotera rishingiye ku gitsina, avuga ko aribwo buryo bwa mbere bwo kwambura umuntu agateka.