Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abongereza babiri bashobora kuba banyururijwe muri Kongo
Amakuru ava muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo avuga ko hari urukurikirane rw'imiduga y'abakerarugendo yagabweko igitero muri park ya Virunga.
Uko vyagenze ntibiramenyekana neza, ariko bivugwa ko umurinzi umwe yishwe, abakerarugendo babiri hamwe n'umushoferi wabo baranyuruzwa.
Ubushikiranganji bw'Ubwongereza bujejwe imigenderanire n'amakungu buvuga ko buri gutohoza ku makuru avuga ko abo bakerarugendo babiri ari Abongereza.
Iyo park ikundwa n'abakerarugendo, ikaba kandi izwi cane kubera ingagi zo mu misozi zibayo, ariko kandi hari imigwi myinshi y'abarwanyi ihakorera.
Mu kwezi guheze abarinzi batanu hamwe n'umushoferi biciwe mu gitero bagabweko bubikiriwe.