Tanzaniya ihakana guhohotera abo mu bwoko bw'aba Maasai

Leta ya Tanzaniya yiyamirije ivyagiriji vy'uko yagize uruhara mu bikorwa vyo guhohotera ikiremwa muntu, vyagiriwe abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Maasai.

Icegeranyo c'ikigo gifise icicaro muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika cashize ahabona bimwe mu vyakorewe aba Maasai, birukanywe ku butaka bwabo kavukire kugira hashirwe ibikoko birabwa n'abakerarugendo.

Ico cegeranyo kivuga ko amashirahamwe y'ubudandaji y'abanyamahanga yabujije abantu kuvoma kandi igipolisi gifata bamwe muri bo baranakubitwa.

Urwandiko rwasohowe n'ubushikiranganji bujejwe ubutunzu buva mu bidukikije muri ya Tanzania, ruvuga ko ivyo vyagiriji bitarimwo ukuri canke ishingiro.

Ruvuga ko ubwo butaka bwakingiwe kuko buri mu nzira ikoreshwa mu gihe co kwimukira kw'ibikoko vyo mu bwoko bw'imparage (wildebeest), ngo kandi niho n'ibindi bikoko bikura amazi yo kunywa.