Tanzaniya ihakana guhohotera abo mu bwoko bw'aba Maasai

Abagore b'aba Maasai bo ku ruhande rwa Kenya

Ahavuye isanamu, SIMON MAINA

Insiguro y'isanamu, Tanzaniya yagirizwa gukumira aba Maasai kugira abakerarugendo bashobore kuraba ibikoko vyo mw'ishamba

Leta ya Tanzaniya yiyamirije ivyagiriji vy'uko yagize uruhara mu bikorwa vyo guhohotera ikiremwa muntu, vyagiriwe abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Maasai.

Icegeranyo c'ikigo gifise icicaro muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika cashize ahabona bimwe mu vyakorewe aba Maasai, birukanywe ku butaka bwabo kavukire kugira hashirwe ibikoko birabwa n'abakerarugendo.

Ico cegeranyo kivuga ko amashirahamwe y'ubudandaji y'abanyamahanga yabujije abantu kuvoma kandi igipolisi gifata bamwe muri bo baranakubitwa.

Urwandiko rwasohowe n'ubushikiranganji bujejwe ubutunzu buva mu bidukikije muri ya Tanzania, ruvuga ko ivyo vyagiriji bitarimwo ukuri canke ishingiro.

Ibikoko vya wildebeest biriko birimukira biva muri Kenya bija muri Tanzania

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tanzaia ivuga ko ubwo butaka bukingiwe kuko buriko inzira ikoreshwa n'ibikoko bisa nk'imparage (wildebeest) mu gihe co kwimukira

Ruvuga ko ubwo butaka bwakingiwe kuko buri mu nzira ikoreshwa mu gihe co kwimukira kw'ibikoko vyo mu bwoko bw'imparage (wildebeest), ngo kandi niho n'ibindi bikoko bikura amazi yo kunywa.